Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yo gucagagura insogi zo munda iwe n’imbugita n’ubu ntakigenda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma yo gucagagura insogi zo munda iwe n’imbugita n’ubu ntakigenda

Inyuma yo gucagagura insogi zo munda iwe n’imbugita n’ubu ntakigenda

lundi 15 Mukakaro 2013

Paris Jackson, umwigeme wa Michael Jackson amaze ukwezi kurenga ari mu bitaro kubera uguhakwa kwiha akagozi i Los Angeles yemerewe kwakirwa n’ibitaro bifise ubuhinga buhanitse ngo bimukurikirane.

Nk’uko iyo nkuru ishikirizwa n’ikinyamakuru citwa People, iyo ngingo yafashwe na inakuru w’uyo mwigeme ariwe Catherine Jackson ari kumwe na nyina wa Paris Jackson ariwe Debbie Rowe, inyuma yo gutora uwabo aho hari haheze imyaka n’imyaka. Uyo mwana w’umwigeme bikaba bivurwa ko yataye umuryango wiwe mu nyuma aja kubana n’umwe mu bagenzi ba se.

Debbie Jackson

Katherine na Debbie bizeye ko umwana wabo Paris w’imyaka 15 ubu agiye gutora agahengwe inyuma y’ukwama agomba kwita mu ngorane zidasanzwe. Uyo mwana w’umwigeme rero yamye kenshi aja ku baganga bahanitse, ubu ho akaba abamazemwo ukwezi bariko bararaba imvo zatumye agomba kwiyahura ku myaka 15 y’amavuko.

Catherine Jackson

Paris Jackson ubu yahora arwariye mu bitaro vya UCLA Medical Center i Los Angeles kuva ku wa 5 Ruheshi guheze. Uyo mwigeme wenyene akaba yarisabiye ko yotabarwa inyuma yaho afashe imbugita agacacura insogi zo munda iwe, inyuma yo guca yitabariza ko yiyishe. Kuva ico gihe gushika n’ubu amagara yiwe ntameze neza, kuko akirwaye kandi cane.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.