Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yo gutsinda INTAMBA, Ingwe za Congo zasezeye inkino - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inyuma yo gutsinda INTAMBA, Ingwe za Congo zasezeye inkino

Inyuma yo gutsinda INTAMBA, Ingwe za Congo zasezeye inkino

lundi 27 Nzero 2014

Ingwe zikinira umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru wa Congo zaraye zisezeye amahiganwa ya Chan 2014 inyuma yo gutsindwa n’umurwi wa Ghana.

Mu gice ca 4 c’inkino, umurwi w’ingwe «Léopards» waratanye mu mitwe n’umurwi wa Ghana, hari ku munsi w’ejo kuw’Imana igenekerezo rya 26 Nzero ku kibuga ca Bloemfontein. Ku kibuga hari ugusatirana ata camira, imirwi yose yibona mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Batera ibitsindo bahusha, bagwa bavyuka, bahigana buhongo umwe wese agomba kwinjiza. Ku munota wa 26, Teophilius Anobah umukinyi w«’Ingwe» yarahushije igitsindo, Bodrick Ugenda Muselenge ku munota yaragerageje kwinjiza bimuta ku w’amazi.

Igice ca kabiri nticoroheye Ingwe za Congo, umukinyi Jordan Opoku yateye umupira w’inguvu ahura n’amaboko ya Joël Kimwaki ahagaze muri ca kibanza kiri imbere y’umuzamu benshi bita «mukore umbone», umuhagarikizi aba yabibonye ngiyo «penalty» y’umurwi wa Ghana. Kabwena Adusei aritaza maze arinjiza igitsindo c’umurwi wa Ghana, urukino ruca ruhera ari igitsindo ca Ghana 1-0. «Ingwe» zica zirasezera amahiganwa ya Chan 2014.

JPEG - 15.6 ko
Abakinyi ba Ghana

Urwo rukino rwibukije Abakinyi ba Ghan umwaka w’2009, aho «Ingwe» za Congo zabatsinda 3-0. Iyo tsinzi yasa no kwikura umwansi kw’izosi.

Umurwi wa Ghana wimirije isimbo y’inuma aho uzotana mu mitwe n’umurwi wa Nigeriya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, hazoba ari kw’igenekerezo rya 29 Nzero ku kibuga Bloemfontein.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.