Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzara ivuye ku kaboregwe yatumye akomeretsa umugore, yica n’umwana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inzara ivuye ku kaboregwe yatumye akomeretsa umugore, yica n’umwana (...)

Inzara ivuye ku kaboregwe yatumye akomeretsa umugore, yica n’umwana wiwe

mardi 18 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Gabon hari umugabo yari yatashe yahaze urukanywa, bukeye inzara iramufata, n’ikwo gusaba umugore wiwe ngo amutekere utwo kurya, uwo nawe ntiyabikora nk’uko yabisabwe. N’ishavu n’akantu aca akubita hasi umwana bavyaranye ahava yitaba Imana.

JPEG - 35.7 ko
Paul Moungou Mbina yihekuye

Amakuru ava mu kinyamakuru co mu gihugu ca Gabon citwa gabonreview, amenyesha ko umugabo yitwa Paul Moungou Mbina w’imyaka 50 yubakanye na Moulanga Mireille, baba ahitwa i Matanda yishe umwana wiwe inyuma y’inzara yatewe n’akaborerwe.
Uwo mugabo Paul Moungou Mbina yari yaraye aborewe bidasanzwe, mu gitondo yazindukanye ikigoyi mu nda, nikwo gusaba umugore wiwe Mireille Moulanga ko yomutekera utwo kurya, ariko uwo mugore ntiyabikora nk’uko umugabo yabishaka. Yagumye amwinginga biteba bimutera ishavu.

Ayo makuru abandanya amenyesha ko vyahavuye bivamwo gushwana wa mugabo atangura gukubita umugore aranamukomeretsa cane kw’itama. Wa mugore ati : "Ngwanye nabi", aca yinjira mu cumba gutekera utwiwe ngo ate yomoke.
Ishavu rwagumye rigwira kwa Paul, abuze wa mugore wiwe hafi, afata mushiki we yari ateruye umwana w’abo yitwa Sarah Esther, afise amezi umunani amukubita hasi n’ishavu ryinshi. Umwana ajanwa kwa muganga, aho yahavuye yitaba Imana inyuma y’amasaha make.

JPEG - 46.9 ko
Mireille Moulanga yakomerkejwe n’umugabo wiwe

Ahejeje kwikora mu nda, yaciye yishikana ku kirindiro c’igiporisi kiri ahitwa Port-Gentil. Uwo mugabo ariko rero akwirikiranwa n’ubutungane ku caha co kwica umwana wiwe.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.