Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzovu za Côte d’Ivoire zihejeje kwirahira Inkona z’i Carthage za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inzovu za Côte d’Ivoire zihejeje kwirahira Inkona z’i Carthage za (...)

Inzovu za Côte d’Ivoire zihejeje kwirahira Inkona z’i Carthage za Tunisie

samedi 26 Nzero 2013

Ku munota wa mirongo ibiri niho Gervinho yatsinda igitsindo ca mbere ca Côte d’Ivoire ku mupira yari asubijwe na Traoré Lacina inyuma y’iminota irenga cumi umurwi nserukiragihugu wa Côte d’Ivoire wari umaze usatira urugo rwa Tunisie.

N’aho igice ca mbere carangiye Côte d’Ivoire isa n’iyirusha Tunisie, umurwi wa Tunisie wivyukiranije mu gice ca kabiri impande zose zirasatira. Ariko igitsindo kigira kabiri ca Côte d’Ivoire cagiye kuboneka ku munota wa mirongo umunani na gatandatu ku mupira ukomeye watewe mw’izamu na Yaya Touré.

Tunisie yahavuye irengerwa ihava itsindwa n’igitsindo kigira gatatu ku munota wa mirongo umunani n’icenda n’umukinyi Didier Ya Konan yari ahejeje kwinjira ahawe umupira na Gervinho.

JPEG - 10.6 ko

Urwo rukino rwariko rubera ahitwa Rustenburg muri Afrika y’Epfo rwahavuye rurangira Côte d’Ivoire ifise ivyo bitsindo bitatu ku busa bwa Tunisie.

Ubu rero Inzovu za Côte d’Ivoire zikwije amanota atandatu, Tunisie atatu mugabo muri uwo murwi D bataziriye « umurwi w’urupfu » hariho urundi rukino rurindiriwe igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuri uwu wa gatandatu nyene ruhuza Algérie na Togo.

Ariko iyo migwi yose uko ari ibiri ikaba ata nota na rimwe ifise kuko yose yatsinzwe mu nkino zayo za mbere muri iki gikombe c’umupira w’amaguru kigira ica mirongo ibiri n’icenda muri Afrika.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.