Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irak: Abitwaje ibirwanisho barateye igisagara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak: Abitwaje ibirwanisho barateye igisagara

Irak: Abitwaje ibirwanisho barateye igisagara

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Muri Irak abantu bagera kw’ijana na mirongo ibiri na batanu barishwe mu misi ibiri. Ku mugoroba wo kuri uyo wa gatatu igenekerezo rya 24 Ndamukiza, imodokari yaguye mu mutego, abantu indwi bitaba Imana, abandi mirongo ibiri na batatu barakomereka kw’isoko i Bagdad.

Abo bagizi ba nabi bifatiye kandi igisagara ca souleimane Bek, igisagara kiri mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Irak, inyuma y’ugutana mu mitwe n’abajejwe umutekano. Baba abajejwe umutekano canke abajejwe intwaro nta n’umwe akibarizwa muri ako karere.

Souleimane Bek ni agasagara gato kari mu buraruko bwa Bagdad ntikakibarizwa mu minwe y’abategetsi ba Irak. Inyuma y’imirwano yahitanye abantu atari bake, umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bifatiye ako karere. Ivyo vyatangajwe n’itororokanirizo ry’ amakuru mu bufaransa.

Shalal Abdul Baban, aserukira ako karere imbere y’amategeko ati:”Abajejwe umutekano bose bakuwe mu karere.” Arongera akamenyesha kandi ko ibarabara rihuza Bagdad na Touz Khourmatou, igisagara kiri mu buraruko bwa Souleimane Bek ritakirengana.

Kuva kuwa kabiri ingorane zaribonekeje i Houweijah mu buraruko bw’igihugu. Muri ako karere kuva mu kwezi kwa Kigarama hibonekeje irwirirana ry’abantu mu ntumbero yo gashira mu ngiro politike y’umushikiranganji wa mbere Chiite al-Maliki. Mu masaha 48 abantu bagera kw’ijana na mirongo ibiri na batanu bari bamaze kwitaba Imana. Iyo mirwano ntiyoroshe kuva mu ntango y’imyiyerekano y’abatavuga rumwe na Maliki mu buraruko bwa Irak. Iyo myiyerekano isaba ugutanga imihoho kw’umushikiranganji wa mbere, ari navyo abanyagihugu bavuga ko bariko barazira.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.