Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irak: Ibisasu vyahitanye abantu barenga 30 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak: Ibisasu vyahitanye abantu barenga 30

Irak: Ibisasu vyahitanye abantu barenga 30

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Abantu barenga 30 bapfuye bahitanywe n’ibisasu vyaturikiye mu gisagara ca Kirkuk kiri m’uburaruko bw’igihugu ca Irak,ku biro bikuru vy’igipolisi.

Amakuru dukesha BBC avuga ko ivyo bisasu vyaturikiye imbere y’ibiro bikuru vy’igipolisi vyaturikijwe n’abihevyi bari mu modoka.

Inzego zijejwe kuzimya umuriro muri ako karere zavuze ko ivyo bisasu vyakomerekeje abandi bantu bababa 70.

Umunyamakuru wa BBC akorera ku murwa mukuru wa Irak Bagdad yamenyeshejeko, ivyo bisasu bihejeje guturika,abihevyi 2 bari bambaye impuzu z’igipolisi bafise n’ibisasu bagomvye kwinjira ku nguvu mu biro bikuru vy’igipolisi.

Igipolisi kikaba cishe umwe muri abo bihevyi uwundi arakomereka igihe bariko baragerageza kumubuza guturitsa igisasu cari mw’ikoti yari yambaye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.