Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irak : Intambara ya runyota niyo impande zose ziteguriye i Fallouja - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak : Intambara ya runyota niyo impande zose ziteguriye i Fallouja

Irak : Intambara ya runyota niyo impande zose ziteguriye i Fallouja

jeudi 9 Nzero 2014

Indwano zikomeye zasubiye kwaduka mu gihugu ca Irak, aho Reta yahugurukiye gutuza abarwanyi b’intagondwa bigaruriye agace ka Fallouja, aho ata musirikare canke umuporisi wa Reta ashobora kuhagera.

Ku va kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Nzero, indwano zikaba zaratanguye, ndetse ibikoho bikomakomeye bikaba ari vyo vyumvikana. Abo barwanyi bigaruriye ako gace haraheze imyaka, bakaba ari intagondwa zishigikiye abarwanyi ba Al-Qaïda hamwe n’inkehwa zo mu bwoko bw’aba sunnite b’uwitwa Al-Anbar ,bo ku rubibe ico gihugu gihana n’igihugu ca Siriya. Abantu rero bitwaje ibirwanisho, bipfutse ibintu mu maso ku buryo atawobamenya, bakaba bari bacungereye ibiraro biri ku birometero 60 uja ku murwa mukuru w’igihugu ca Irak ariwo Bagdad.

Ku va Reta ndetse n’abandi bari muyandi moko basavye ko izo ntagondwa zohashwa, zigakurwa muri ako gace kugira abanyagihugu baho bacurwa bufuni na buhoro baronswe amahoro, izo ntagondwa zigaruriye Fallouja zikaba zarameze rugabo, aho zivuga ko ziteguriye intambara ya Runyota. Abo barwanyi binyegeza hafi y’amamangazini, bigatuma abadandaza badandaza buhoro buhoro, ariko haca akanya, ukumva inkoho zisubiriye kwasirana, ku buryo kugeza ubu, bitaroroha kubona abo barwanyi aho binyegeza mu banyagihugu, kiretse ko ibirindiro vyabo barwanyi bizwi.

Ku va ku wa 30 Kigarama ku mwaka uheze, intambara zitanguye, abantu bagera kuri 250 bakaba aribo bamaze kwitaba Imana, ndetse abo bishwe bikavurwa ko hari n’abandi barwanyi ba Al-Qaïda boba baraje gufasha abo basanzwe barwanya Reta ya Bagdad. Ukwo gutuza abo barwanyi ba basunnite muri ako gace, bikavurwa ko kuzozana ikindi cuka kibi kirenze, hagati ya Reta irongowe n’aba chiite n’abo barwanyi b’aba sunnite bashigikiwe na Al-Qaïda.

Tukabamenyesha ko hoba hari ibihugu bishaka gufasha Irak gutuza izo ntagondwa, ndetse bikavurwa ko igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika zoba zemeye gutanga indege za kajugujugu z’intambara, zimwe zitagira umudereva, kugira zije gutuza izo ntagondwa. Izo ndege rero za Amerika, zikaba zirasa n’isazi, eka n’uwizitse mu kuzimu agihema, zikaba zimuzuza urusasu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.