Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iran: Hassan Rohani ari imbere mu matora y’umukuru w’igihugu. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Iran: Hassan Rohani ari imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Iran: Hassan Rohani ari imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

samedi 15 Ruheshi 2013

Mu gihugu ca Iran ibiharuro vy’amajwi ya mbere birerekana ko uwuhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu wo muba conservateur, Hassan Rohani, ariwe ari imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ivyo biharuro biragaragaza ko Hassan Rohani yaronse amajwi arengako gato ica kabiri c’abantu bagera ku miliyoni 12 bamaze guharurwa, ni ukuvuga ica gatatu c’abatoye.
Umuyobozi wa Tehran, Mohammad Baqar Qalibaf, aza mu kibanza ca kabiri.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatanguye gushira ahabona ibiharuro vy’ayo majwi haciye amasaha menshi abanyagihugu bayarindiranye igishika.

Umukuru w’igihugu yahahora Mahmoud Ahmadinejad akaba agira asubirizwe inyuma y’ibiringo bibiri ari muri ico kibanza.

JPEG - 18 ko
Hassan Rohani, ariwe ari imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.