Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iran: Uwatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Iran: Uwatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu yamenyekanye

Iran: Uwatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu yamenyekanye

dimanche 16 Ruheshi 2013

Umwigisha wa Islam ashigikiwe n’abashaka ihinduka, Hassan Rouhani, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu wa Irani ku majwi arenga gatoyi 50 kw’ijana.

Isinzi ry’abantu bahuriye ku murwa mukuru wa Irani Tehran gukeza Rouhani, akaba yamenyesheje ko ari intsinzi y’abari hagati ku banyamacakubiri.

Ayo matora yari yitabwe gushika ku bice 72.2 kw’ijana mu banyagihugu ba Irani imiriyoni mirongo itanu bari bemerewe gutora uwutegerezwa gusubirira Mahmoud Ahmadinejad.

Umukuru w’igisagara ca Tehran, Mohammad Baqer Qalibaf akaba yararushijwe cane.

Ayatollah Ali Khamenei yakeje Rouhani ku ntsinzi yiwe, akaba azoca yemeza icese ivyavuye mu matora ku genekerezo rya 3 Myandagaro, umukuru w’igihugu mushasha nawe ace arahirira imbere yo kwinjira icese mu mabanga, akaba azorahirira imbere y’inama nshingamateka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.