Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irivuga «gusoma» ntiritahugwa kumwe na bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Irivuga «gusoma» ntiritahugwa kumwe na bose

Irivuga «gusoma» ntiritahugwa kumwe na bose

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Bamwe bati : « ikizungu cazanye vyinshi , kera bavuze gusoma wamenya ko usoma hanyuma ugakutsa nayo ubu hoho ntawukimenya ico uwundi ashatse kuvuga». Umve namamwe uko aba vyabagendeye.

Umutama umwe ahuye n’uwundi amubwira ko inyota imwishe ati kandi maze kabiri ntasoma none imihogo yagadutse, iminwa nayo yumye , bakivuga harengana umwigeme muri bamwe badandaza imibiri yisize neza, eka iminwa iyagayaga.

Ariko rero yashitse ba batama bahejeje kuganira bagira basezerane, kuko yari yamenye umwe muribo niko kubabwira ati :« mwatongana uduki ? »

Umutama umwe :« ati nariko ndamubwira ko imihogo igadutse ,iminwa nayo yume , ahubona mwa ndakumbuye gusoma». Wa mwigeme ati ndaronse isoko, niko guhumiriza asongora umunwa awurabisha kwa nya mutama amubwira ati :« Soma hano nari nasize amavuta atari make ku munwa kuko narinzi ko abanyotewe ari benshi, weho uratomboye kuko ubaye uwambere ».

Umutama ubwenge burahita yikubita hasi ati : «Ivyubu ntibigira izina, mukanwa iwawe basigaye bagana ibitoki ? Mvimbere ntarakuvuma ubona ko ab’ubu atacomwibanga!» Umwigeme yibwira ati mpuye n’uwutariwe aribandaniriza.

Wa mutama akigerageza guhaguruka harengana akana karamufasha karamuhagurutsa, arakabaza ati : « Mbe kibondo waja he ?» Umwana ati ngiye gusoma,wa mutama ati hogi tujane na sogokuru gusoma ntibimugwa nabi.

Bashitse ahari ububiko bw’ibitabo umwana arinjira wa mutama arakurikira, umwana atora igitabo aricara arasoma wa mutama ararindira ko bazana inzoga arabura niko kubaza wa mwana ati : « None ko batazana ngo dusome ?» Nawe amusubiza ati :Jewe ngira mpeze ahubwo mbwira igitabo ushaka ndakuzanire

Umutama n’ishavu n’akantu arahaguruka ati :«Abantu b’ubu ntawuzi ivyo bagwaye, umwana n’uwukuze basara bose!»


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.