Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akanyamuneza kari kose ku munsi yahimbaza imyaka 90 y’amavuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Akanyamuneza kari kose ku munsi yahimbaza imyaka 90 y’amavuko

Akanyamuneza kari kose ku munsi yahimbaza imyaka 90 y’amavuko

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Isabukuru y’imyaka 90 y’amavuko, Robert Mugabe yaguruye ibipurizo imbere y’isinzi y’abantu, ibipurizo bingana n’imyaka yiwe. Ivyo birori bikaba vyabaye inyuma y’aho agiriye kwibagisha amaso i Singapur.

Abana benshi b’abanyeshure bari mu bitavye ivyo birori, aho bazunguza amabendera bivuga amazina umuryango Mugabe aturukamwo. Muri ivyo birori, hagabuwe imitsima minini cane bita " cake" abantu bakaba bari bambaye udutambara dutukura nk’uko bimenyerewe buri gihe; kw’isabukuru yiwe. Mw’ijambo ryiwe ryamaze isaha yose, Robert Mugabe yavuze ko Abanyazimbabwe batanka ubutegetsi bw’Ubwongereza bwabashikanye ku ntahe yo kwikukira, ariko ko bakunze gusumba igihugu cabo n’intwaro yiwe. Ibirori vya Robert Mugabe vyatwaye amafaranga agera ku muriyoni w’amadolari y’Abanyamerika, aho bamwe babineguye kubona hatanzwe amafranga nk’ayo mu gihugu gisanganywe ibibazo vy’ubutunzi.

Tukabibutsa ko Mugabe yiyamirije abantu na cane cane abamenyeshamakuru bakunda kumucapa asa n’umuntu ashaje cane kandi aruhishijawe n’ubutegetsi, n’aho atari mu bantu bumva bobuvako, ndetse agapfuma yokoresha uburyo bwose bubaho kugira ntabuveko. Robert Mugabe kuri iyo myaka yiwe 90, avuga ko ahubwo hageze ko arongora neza igihugu ciwe, ndetse akaba aniteguye kuzitabira ayandi matora.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.