Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isanganya ry’indege , harokotse bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isanganya ry’indege , harokotse bose

Isanganya ry’indege , harokotse bose

samedi 13 Ndamukiza 2013

Abantu barenga 130 nibo bari mu ndege ya Lion Air yagize isanganya . Hari kuri uyu munsi wa gatandatu ku kibuga c’indege mpuzamakundu ca Denpasar kiri i Bali muri Endoneziya.

Iyo ndege yahushije ikibuga iriko iruruka iraheza yururukira mw’ibahari. Ariko Imana yakinze ntawahasize ubuzima. Umumenyeshamakuru w’itororokanyamakuru ry’abafaransa AFP avugako yabonye abakomeretse bisanzwe bagera kuri 7 bajanywe na rusehabaniha mu bitaro bikuru vy’i Denpasar. Icatumye iryo sanganya riba ntikiramenyekana kuko ikirere cari ciza sico cariteye.

JPEG - 21.1 ko

Bali n’ izinga rigenderwa n’amamiriyoni y’ ingenzi ku mwaka. Lion Air ni ishiramwe rya mbere mu gihugu ca Endoneziya,rikaba rironka inyungu nyinshi mu kunguruza abantu n’indege biturutse kuruja n’uruza rwinshi rwo muri Endoneziya. Mwokwibuka ko haheze ikiringo gito ishirahamwe Lion Air rivuzwe cane mu binyamakuru. Bikaba vyari vyaturutse ku rwete rwo gukoresha indege ninini bita Air Bus zigera ku 234 ryari ryahaye ishirahamwe rikora indege Air Bus. Izo ndege zikaba zifise igiciro c’amafaranga y’amanyaburaya imiriyaridi irenga gato 18.

Abahinga bavuga ko batewe impungenge n’iryo terambere bukwi na bukwi ry’ishirahamwe Lion Air rimaze imyaka 13 gusa. Bavugako rishobora kuba iterambere rizokurikirwa n’umutekano muke.

Mwomenyako kandi ko kugera ubu iryo shirahamwe ridafise uruhusha rwo gutwara abantu n’ibintu muri Leta Zunzubumwe za Amerika no mu bihugu vyunze ubumwe vya Buraya.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.