Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe FFB rirahakana ko hari umuntu yaguye mu misumikano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ishirahamwe FFB rirahakana ko hari umuntu yaguye mu misumikano

Ishirahamwe FFB rirahakana ko hari umuntu yaguye mu misumikano

vendredi 7 Ntwarante 2014

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rimenyesha ko ata muntu yaguye mu misunikano, ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 5 Ntwarante, aho umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wari uramutse ukina urukino rwa kivandimwe n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda. Abantu 13 nibo bakomeretse, bakaba baciye bajanwa kwa muganga.

Urukino rwahuza imirwi ibiri, Intamba mu rugamba z’Uburundi, n’Amavubi y’Urwanda rwari rwitezwe n’abantu isinzi. Hagisigaye nk’isaha imwe yose, ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore cari camaze kwuzura. Abajejwe umutekano bararengewe n’ubwinshi bw’abantu, haca hatangura imisunikano. Inyuma y’urukino, haravuzwe amakuru ko hoba hariho umuntu yaguye muri iyo misunikano, ariko mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi barabesheuza ayo makuru. Aimable Habonimana, icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa kane, yamenyesheje ko ata muntu n’umwe yapfuye azira iyo misunikano, ahubwo ko hari abakomeretse 13. Muri abo 13, babiri baciye bajanwa ku bitaro vy’abasirikare, batanu batwarwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, batatu nabo batwarwa ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled. Ku bitaro Prince Regent hagiye kuvurirwa batatu. Muri abo batatu, umwe yaciye yungururizwa kwa David.

Aimable Habonimana, icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi amenyesha ko kugira bakinge mwene izo mpanuka zishikira abantu baba baje kuratira ijisho, bagiye kuza baradandaza amatike angana n’ibibanza bihari ku kibuga, kandi barereke ntihagire uwubaca muryahumye akadandaza amatike batazi aho yayakuye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.