Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu rwaruka rwogufatirako akarorero keza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bamwe mu rwaruka rwogufatirako akarorero keza

Bamwe mu rwaruka rwogufatirako akarorero keza

mardi 21 Nzero 2014

Ishirahamwe Fontaine-Isoko riherutse gutora urwaruka rw’imboneza ruri mu mice itandukanye y’ubuzima bw’igihugu. Urwo rutonde ruriko urwaruka ruriko rufasha igihugu mu gutera imbere no mu gutanga akarorero keza ku rundi rwaruka.

Umugambi wo gukorana n’urwaruka w’ishirahamwe Fontaine-Isoko hamwe n’Ishiramwe SPARK ufise intumbero yo kwereka urwaruka ko hariho inzira nyinshi rwocamwo kugira ruguruke n’amababa yarwo, aho kurindira abaza gufasha kuko barayamaze bati «Ak’i muhana kaza imvura ihise». Ni muri iyo ntumbero iryo shirahamwe ryahisemwo bamwe mu rwaruka bofatirwako nk’imboneza kubera ibikorwa bikorera ku bwabo, ariko ugasanga bifitiye akamaro igihugu kandi atawe basavye imfashanyo.

Abo Fontaine-Isoko yashimye gufatirako akarorero n’aba bakwirikira :

1) Jadot Nkurunziza : uyu azwi mu gukunda no gukingira ibidukikije. Mu matohoza yakozwe, basanze mu mwaka w’i 2013 yateye ibiti imiliyoni 50. Abogira amakenga bogenda ahari amatuta y’ibiti ku nkengera y’uruzi Ntahangwa, ari naho asanzwe akorera. Uwo ni akarorero keza mu gukingira ibidukikije narirya bigeramiwe.

2) Nzeyimana Thomas ari we Mkombozi : yatowe mu baririmvyi benshi kandi bakebura ariko akanovera k’umuziki wiwe urimwo ivyiyumviro vyubaka, kagizwe kandi n’Ikirundi co kw’itsitso kofasha benshi mu baririmvyi mu gutanga ivyiyumviro bikebura mu muziki uryoshe.

3) Francine Niyonsaba : ni umwe mu bigeme b’abanonotsi bamaze gushikana kure ibendera y’Uburundi. Uwo yobera akororero keza abandi bakobwa bakerebuka maze bakiteza imbere bagateza imbere igihugu cabibarutse.

4) Gateka Saxe Perry «GASAPE» : Gasape azwi cane k’ubuhinga bwamuvuyemwo maze arakora insamirizi. Igikorwa yakoze ni nsigabwenge mu Burundi. Insamirizi «Humuriza» yavutse mu ntara ya Gitega ku bwa Gateka ni akarorero keza cane ku rwaruka rwoba rufise ingabirano zitandukanye. Rwobona ko ivyo bahora bibazako bidashoboka bishoboka

5) Landry Ninteretse : Umuhuzabikorwa «Coordinateur» mw’ishirahamwe «APD» Action Peace and Development, uwo yahisemwo iryo shirahamwe kugira aterere ivyiyumviro mu kwubaka amahoro.

6) Landry Gakuba : uwo yagomwe na Fontaine-Isoko kubera intererano ziwe mu biganiro vya poritike. Afise ubwitonzi ntangere bwo gushikiriza ivyiyumviro vyiwe vyubaka atawe atutse canke ashibagurize. Ivyumviro vyiwe vyerekanako yumviriza ibivurwa hirya no hino.

na Laurent rugero, azwi nk’urwruka rw’umwanditsi- musomyi w’ibitabo, naho ata makuru yiwe Fontaine-Isoko yaronse yari kuja ku rutonde.

Augustin Niyongabo arongoye uwo mugambi avugako urwaruka rw’imboneza mu Burundi atari abo gusa, aremezako hari benshi ariko kubera uburyo bibasaba bashimye gufata abo ariko asaba nabatari kuri urwo rutonde kudacika intege mu bikorwa vyiza vyabo. Atera kandi akamo urwaruka rwicaranye ubumenyi n’inguvu gukura amaboko mumpuzu bakore biteze imbere, bateze imbere n’igihugu cabo.
Ireresi ngufi «documentaire» y’ivyo bakoze igiye kuja ahabona vuba.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.