IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishirahamwe "GIUU"ryatanze imfashanyo ku bana ryakuye mw’ibarabara

Ishirahamwe "GIUU"ryatanze imfashanyo ku bana ryakuye mw’ibarabara

lundi 22 Nyakanga 2014

Ishirahamwe "Gira Ico Ukoze Ugihema"(GIUU) ryaratanze imfashanyo y’ibikoresho vy’ishuri ku bana b’abanyeshuri ryakuye mw’ibarabara rikabatanguza isomero. Ico gikorwa kiri mu ntumbero y’ishirahamwe ariyo yoguharanira ineza y’abana bo mw’ibarabara.

JPEG - 37.5 ko
Kwizera Anicet arongoye ishirahamwe(GIUU)

Abana baronkejwe amakaye, amakaramu n’impuzu z’ishuri( uniformes) barashimiye cane ishirahamwe"Gira Ico Ukoze Ugihema"(GIUU)" ryo ridahengeshanya kwitaho ukubaho kw’abo bana n’imiryango yabo. Kwizera Anicet arongoye akongera agaserukira ishirahamwe imbere y’amategeko, avuga ko kuva mu mwaka w’i 2010 bagumye bakwirikirana abana bashoboye gukura mw’ibarabara. Abo mw’ishuri bitagoye bageze mu mwaka wa 4.

Kurondera iyo neza y’abana ntibizogarukira kuri abo gusa. Kwizera Anicet amenyesha ko ishirahamwe ryarungitse abanywanyi baryo kurondera no kuganiriza abana baba hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura kugira bumve ko bobafasha kurondera imiryango yabo. Ishirahamwe GIUU rimaze gutora imiryango yabo rica ribafasha kwiga. Iryo shirahamwe ritandukanye n’ayandi kuko ata kigo c’abana rigiye gushiraho kuko umwana yiyumva neza cane atoye umuryango wiwe, maze akabana n’abiwe.

Uwo arongoye ishirahamwe amanyesha ko bagiye kurondera nyabuna ivyo bituma abana bafata inzira yo mw’ibarabara, bategekanya no kurondera imigambi mito mito bashira mu miryango mu ntumbero yo kurwanya ubukene kimwe mu mvo zituma abana bata imiryango n’amashuri bakihutira mu mabarabara.

Abana n’abavyeyi baraho barashimye cane ukuntu ishiraamwe ribakwirikirana ritadebukurwa, baranasaba n’abandi ko bokwiyumvira kuri kazoza k’abana babona mu mabarabara maze bagire ico bafashije kuko ngo:"Izija guhona zihera mu ruhongore".

JPEG - 36.2 ko
Umuvyeyi ariko ashima imfashanyo ihawe umwana wiwe

Ico gikorwa co gutanga ivyo bikoresho vy’ishuri cakozwe kuri uwo w’Imana mu nyubakwa z’ishuri "lycee Saint Gabriel" riri muri Komine Ngagara. Ishirahamwe ryatanguye gukora mu mwaka w’i 2010, rigizwe n’urwaruka rw’imisore n’inkumi bagera kuri 34.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.