Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cristiano Ronaldo yariko ararira kubera umunezero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yariko ararira kubera umunezero

Cristiano Ronaldo yariko ararira kubera umunezero

mardi 14 Nzero 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA ryaraye risozereye umwaka w’i 2013. Imbanyi iryo shirahamwe ryari ritwaye umwaka wose yaraye ivutse. Wa mupira w’inzahabu uhabwa umukinyi wa mbere w’umwaka waraye uhawe Cristiano Ronaldo.

Uko umwaka utashe, ishirahamwe mpuzamkungu ry’umupira w’amaguru FIFA riratanga umupira w’inzahabu ku mukinyi wa mbere w’umwaka. Cristiano Ronaldo w’imyaka 28, avuka mu gihugu ca Portugal akina mu murwi wa Real Madrid, Lionel Messi w’imyaka 26, avuka mu gihugu ca Argentine akina mu murwi wa FC Barcelone na Franck Ribery w’imyaka 30, avuka mu gihugu c’Ubufaransa, akina mu murwi wa Bayern de Munich nibo bariko bahiganirwa umupira w’inzahabu «Ballon d’Or».

Muri kahise, Lionel Messi yari amaze gutwara uwo mupira incuro zine : 2009, 2010, 2011, 2012, uno mwaka nta mahirwe yagize kubera gukomereka. Franck Ribery, niwe yasa n’uwufise amahirwe menshi kuruta Lionel Messi. Uwo wa nyuma yatwaye ibikombe bitari bike mu mahiganwa y’umurwi wa Bayern de Munich, aho yahawe ubushimwe Trophées 5: (Ligue des Champions, Bundesliga, Coupe d’Allemagne, Supercoupe d’Europe et Mondial des Clubs).

Muri abo bose, ishirahamwe FIFA ryahisemwo umukinyi CR7 (Cristiano Ronaldo, nimero w’umurwi Real Madrid 7). Ku mugoroba w’igenekerezo rya 13, i Zurich mu gihugu ca Suisse, ahasanzwe hari icicaro c’ishirahamwe FIFA, ku manota (27,99%), Messi (24,72%) na Ribéry (23,36%) , Michel Platini arongoye FIFA ataryohewe na gato, yamushikirije Umupira w’Inzahabu. Ukutaryoherwa kwa Platini kwavuye ko wewe yabona ko uwo mupira wari guhabwa Franck Ribery.
Ayo makosa ayata ku batanga amanota kandi bagiye kwiga ukundi bazohora bayatanga.

Umugabo wa Irina Shayk, se wa Cristiano Jr, umuhungu wa Maria Dolores dos Santos Aveiro na Jose Dinis Aveiro, n’amasozi y’umunezero ati : «Numva ata majambo mfise novuga, ariko ndashimiye cane umuryango wanje n’umutambukanyi wanje, kandi ndifadikanije na Mandela n’umukinyi Eusebio baherutse kwitaba Imana. N’ukuri numva ata majambo mfise kubera ikigumbagumba numva ku mutima. Nabonye mawe wanje ariko ararira, nagerageje kwihangana ariko vyanse. Ego ni agashimwe ndonse ku giti canje ariko ndagasangiye n’umurwi wanje wa Real Madrid

Kubera umunezero, Cristiano yariko ararira


Cherif Nkeshimana

Messages

  • kubona ballon d’or ihabwa Christiano ntivyumvikana, ntayo yarakwiye.Je nabona ikwiye Messi kandi na Libery mbona yamusumvya ivyo yakoze.Kurubwo rero ndashigikiy kandi ndatahura mauvaise humeur ya Mich.Platini MU mukuyimuha. EHE RABA NKA REAL MADRID AHIGEZE MURI LIGA EKA NIGIHUGU CE CAHATSWE KUTITABA MONDIAL NAHO BAMWE ARICO BITWAZA NGO YARAKOZE KANDI VYARI VYAMUNANIY KUYISHIKANAYO KARE KABANDI baSTAR!!!!!!!!!!!

  • Yego ntiyari kureka kurira ngo pratina ngo ntiyari agikwiye yashaka bagihe uwiwabo mbega ubusambo ronard afise umutima mwiza kandi urumva ko yibutse nabahisi nka mandela kuko 2010 aho yaza hano yabanje kunja no kumusura baraganira muhungu wa protigal komera kukuguru kwawe numutima wo gukunda abgukurira nukwibuka abatabarutse.

  • c.ronaldo turamukunda kuko arabizi,ariko kuba yararize kubera atwaye ballon d’or numunezero mwishi niyirambire

  • reka mutama c ronaldo nawe aronke kuko turamwemerako ashoboye ntawundi yari kuyironka kuko anabasumvya ubuhinga mumaguru.kurya kurira numunezero udasanzwe yagize Imana imuzigame agume kukazi yamutoranije

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.