Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’abanyaburaya ryahaye intererano Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ishirahamwe ry’abanyaburaya ryahaye intererano Somaliya

Ishirahamwe ry’abanyaburaya ryahaye intererano Somaliya

mardi 7 Rusama 2013

Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya ryemereye igihugu ca Somaliya imiriyoni 44 z’amafaranga y’amanyaburaya azofasha mu kwongereza inguvu mu bisata vy’ubutungane n’umutekano.

Ivyo vyashikirijwe mu nama yo kwiga ingene igihugu ca Somaliya cogarukirwa inyuma y’imyaka mirongo ibera kiri mu ntambara, iriko ibera mu gisagara ca Londres.

Mw’itangazo uwujejwe iterambere mw’ishirahamwe ry’abanyaburaya, Andris Piebalgs yashize ahabona, yashikirije ko urwego rw’ubutungane nyakuri arirwo ruzoshobora kugarukana umwizero w’abanyagihugu rukongera rukabanywanisha.

Ishirahamwe ry’abanyaburaya rimaze guha imfashanyo ingana n’imiliyaridi 1,2 z’amafaranga y’amanyaburaya kuva mu mwaka w’2008, nk’uko babandanije babishikiriza muri iryo tangazo.

Ubutungane bwizewe na bose kandi bwigenga nibwo buryo bubereye bwogusubiza hamwe abanyagihugu bo muri Somaliya.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.