IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryemeje ko ibiganiro hagati ya UPRONA na (...)

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryemeje ko ibiganiro hagati ya UPRONA na CNDD FDD vyatanguye

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Amasezerano yo guhagarika intambara mu buraruko bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe n’ugukomeza umutekano mu bihugu vyo mu biyaga binini yateweko umukono i Addis Abeba kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2013 yakwije umwaka wose kuri uwu wa mbere. Umuhanuzi adasanzwe wa Mary Robinson asanzwe ari mu rugendo mu Burundi asaba ibihugu vyateye umukono kuri ayo masezerano ko vyokwama vyicara hamwe kugira bakinge icohungabanya umutekano muri ako karere.

Inyuma y’umwaka umwe amasezerano yo guhagarika intambara mu buraruko bw’intara ya Kivu ateweko umukono n’abakuru b’ibihugu 11 mu karere k’ibiyaga binini, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi rimenyesha ko n’aho intambara yagabanutse muri ako karere, hagikenewe ko barabira hamwe ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa vyo kwaka ibirwanisho abahoze ari abarwanyi, kubasubiza mu buzima busanzwe, hamwe n’ukwiga ibitera intambara bashobore kubikinga hakiri kare. Moudibu Traoré, umuhanuzi adasanzwe w’intumwa idasanzwe ya Mary Robinson, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini amenyesha ko icihutirwa kwabaye ukubanza gusaba ugushira ibirwanisho hasi, hakaba hasigaye ugutuza imirwi ikivugwa mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mu gihe muri ico gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo havugwa imirwi igwana irenga ijana, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi riremeza ko ata barwanyi ba FNL bari muri ico gihugu nk’uko bimaze iminsi bivugwa iyo habaye ihungabana ry’umutekano. Boubacar Diarra, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi yamenyesheje ko urwandiko ruheruka gusohorwa na Laurent Kavakure, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, rutomora ko ata murwanyi w’umu FNL ari muri Repuburika iharanarira intwaro rusangi ya Congo, canke ahandi hanze y’igihugu. Boubacar Diarra, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi yibukije ko mu masezerano ivyo bihugu 11 vyateyeko umukono bemeranije ko ata gihugu coha indaro imirwi irwana, igatera igihugu kimwe, ije iva mu kindi muri ivyo cumi na kimwe.

JPEG - 541.9 ko
Boubacar Diarra, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi ( i buryo), ari kumwe na Moudibu Traoré, umuhanuzi adasanzwe w’intumwa idasanzwe ya Mary Robinson, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini

Uburundi busanzwe bwarateye umukono kuri ayo masezerano burahanzwe n’ibibazo vya poritike bijanye n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi imenyesha ko idahabwa uburenganzira bwo gukora, iyo nayo ni nka FNL, UPRONA, UPD ikavuga ko icanishwamwo n’ubutegetsi. Boubacar Diarra, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi yamenyesheje ko yisunze ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, aho yamenyesheje igihe yari mu ntara ya Bujumbura rural ko atazokwihanganira uwuzoshaka gusambura amasezerano y’i Arusha, yizera ko abategetsi b’Uburundi bagiye gukora ibishoboka kugira umuti uboneke. Yemeye ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakurikiranira hafi ibikorwa mu Burundi, ari nakwo gushikiriza icipfuzo c’uko amatora yo mu mwaka w’2015 yogenda neza yose, imigambwe yose ikayitegurira ku rugero rumwe.

Ku bibazo vya poritike bihanze umugambwe UPRONA na CNDD FDD, bikaba vyazanye icuka kibi hagati y’iyo migambwe ibiri yo muri Reta imwe, Boubacar Diarra, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi yamenyesheje ko ibikorwa vyo kugarukana ikiyago n’umwumvikano hagati ya CNDD FDD na UPRONA vyamaze gutangura. N’aho atashimye kuvuga ivyarivyo, Boubacar Diarra, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu Burundi yahumurije ko umuti uzoboneka.


Egide Nduwimana

Messages

  • President nasabe ikigongwe abarundi kandi akombore EDUARD,BAZOMBANZA,NIYOYANKANA na CONCILIE hama nawe ace aduza ibiganza asezere muri politique twarabonye ingene atwara. Please IGIHE.BI nimudutohoreze ivy’ivyo biganiro,aho bibera n’ababihagarariye. Thanks for the good job.

  • ninde nande baganira ubiserukira ninde hagati ya cnd na uprona?bizohishurwa nn uwomwanya batawokwemeza abatagirakamaro nogusesagurubutunzi bwigihugu bizobahiki

  • Abo ba CNDD ntubabwire ibiganiro bunva ibindi iwabo hakora inguvu , akagaye ,ntabwenge nabukeya bashiramwo naho umushikirangaji NDUWIMANA avuga ko yize amategeko yosubira kwishure kuyiyibutsa kuko yarayibagiye amategeko ayasumbwa nababatama bo kugatumba iwabo ,mugukoraibintu bibi aba CNDD ntibibaza ko amakunguabibona bitwaza kwica nugufungaabo muri oppositionnone amakungunayo ko batazobafunga mugiye kugiriki ? Emera amasezerano yi y’arusha ntakundi murunviseaho amakunguahagaze .Mwanse naho mubone ayo Ukran ibonye

  • Ivyo biganiro nibibe vyari bikenewe kuko biraduhumuriza mugihe vyoba arivyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.