Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiyemeje gushigikira bimwe biboneka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiyemeje gushigikira bimwe biboneka (...)

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiyemeje gushigikira bimwe biboneka Uburundi

mercredi 26 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yakiriye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi uyu mwaka, Koen Vervaeke umwe mu bategetsi b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, aho yamenyesheje ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rigiye kugwiza imfashanyo mu gisata c’iterambere ry’igihugu.

Umushingantahe Vervaeke ni umuyobozi akurikiranira hagufi ihembe rya Africa, Afrika y’Ubuseruko hamwe n’Afrika y’Ubumanuko, eka ndetse akaba ari mubakurikirana rwose akarere k’ibiyaga binini havuye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Buraya ajejwe imigenderanire.

Vervaeke amenyesha ko ibikorwa vyo gushigikira aka karere k’ibiyaga binini bigiye kuzokomezwa ndetse aka akarere akaba akazi cane. Ikindi n’uko umutekano muke urangwa muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, nawo nyene uri mu bimuraje ishinga. Vervaeke arazi Uburundi cane kuko yigeze kuba umuhanuzi mu vya politike kuva mu myaka y’1991 gushika mu 1995.

Abandanya amenyesha ko iterambere ry’akarere ritegerezwa gushigikirwa kugira ibi bihugu bishike kw’iterambere rirama.Yarangije asaba ko intwaro ibereye yoshinga imizi mu gihugu, akaba yasavye ko igihugu cotunganya ibijanye n’amakori kuko mu Burundi bisa n’ibitaboneka neza uko bitunganijwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.