Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’ibihangange b’Intamba batumweko gutegura urukino rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’ibihangange b’Intamba batumweko gutegura urukino rwa (...)

Abakinyi b’ibihangange b’Intamba batumweko gutegura urukino rwa Botswana

mardi 29 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru (CAF) ryaratoye uko imirwi igiye kuzohura mu nkino zo mw’ijonjora ry’imirwi igiye guhiganirwa igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Maroc mu mwaka w’2015. Mu rukino rwa mbere, Uburundi buzohura na Botswana.

Kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza, ishirahamwe ry’Afrika ry’umupira w’amaguru ryaratoye uko imirwi igiye kuzohura mu nkino z’ijonjora. Umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba zizohura n’umurwi wa Botswana, hazoba ari kw’igenekerezo rya 18 Rusama aha i Bujumbura, urukino rwo gusubiza ruzoheza rube kw’igenekerezo rya 01 Ruheshi muri Botswana. Intamba bishitse zigatsinda umurwi wa Botswana zizoheza zuhure n’umurwi uzoba watsinze hagati ya Centrafrike na Guinee Bissau. Uburundi bufise isemo ritoroshe. Hamwe Intama zorengana iyo mitego yose, zizoca zica mu murwi G urimwo ibihugu nka Egypte, Senegal na Tunisiya.

Kugira vyose bikunde, abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryifadikanije n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, baciye batumako abakinyi bose b’ibihangange bakina mu mahanga kugira baze gufasha bagenzi babo bari mu gihugu.

Abakinyi batumweko ni nka :

NTIBAZONKIZA Saidi akina muri Pologne

BERAHINO Saido akina muri Angleterre

BIGIRIMANA Gaël ari mu gihugu ca Angleterre

NDIKUMANA Yamin Selemani akina muri Albanie

NAHAYO Valery évoluant ari muri Belgique akaba ari kizigenza INTAMBA

HABARUGIRA David akina muri Belgique

KWIZERA Pierre ari muri Côte d’Ivoire

Papy Faty akina muri Afrique du Sud

NSABIYUMVA Fréderic ari muri Afrique du Sud

NDUWARUGIRA Christophe akina muri Mozambique

TAMBWE Amissi ari muri Tanzanie

KAVUMBAGU Didier akina muri Tanzanie

KAZE Gilbert nawe nyene Tanzanie

AMISSI Cédric ari mu Rwanda

NIZIGIYIMANA Abdoul Karim nawe nyene ari Rwanda

NDAYISENGA Fouadi ari mu Rwanda

NIZEYIMANA Johane ari Portugal

IRAKOZE Filose ari Suède

NZOKIRA Jeff ari Djibouti

Mwomenya ko Uburundi bufise ikibanza c’125 ku rutonde rwagizwe na FIFA, bukagira ikibanza ca 38 ku ruronde rwa CAF. Botswana bizohura nayo ifise ikibanza ca 91 ku rutonde rwa FIFA hamwe n’ikibanza ca 22 ku rutonde rwa CAF.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Icambere mbanje gushima kuko mwatumyeko abanyi beshi twahoze dukunda icakabiri none kobose mwabatumyeko abasanzwe badinira mu burundi ntanumwe arimwo viza nabone bakwiye kuja kurutonde hamwe nabandi.

  • MUTAMA NZOBAZA abonabo batumumyeko bavuye hakurya yamaziiiii uravye neza haziyongerako abakina mugihugu kurongera "IBITSINDO.COM’

  • Nivyiza muzemuhorukonyene turinyumayanyu kimwe bashike hakirikare mugirimyitozo myinshi
    mukosore cakibazo cukusanga abakinyi batababamenyeranye
    ibisigaye tuzobihi Mana idufashe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.