IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishure CFPP n’uburongozi bwa komine ntibumvikana ku kibanza kiri mu (...)

Ishure CFPP n’uburongozi bwa komine ntibumvikana ku kibanza kiri mu Nyakabiga

mercredi 5 Ruheshi 2013

Abarongozi b’ishure ry’imyuga(CFPP) ryo mu Nyakabiga bamenyesha ko baguye mu gahundwe kuri uno musi aho bariko bubaka uruzitiro rw’ikibanza bashaka kuzokwubakamwo muri komine Nyakabiga bagaca babona umurwi w’abapolisi barongowe na musitanteri w’iyo komine Eri Nkurunziza.

Abarongoye iryo shure bamera ko impapuro zibaha uburenganzira bwo kwubaka zemewe n’amategeko kandi bazihawe n’ubuyobozi bujejwe gutunganya ivyamatongo. Nk’uko twashoboye kuvyibonera ku mpapuro, urwo ruhusha rwatanzwe ku genekerezo rya 5 Nyakanga 2012.

Innocent Havyarimana umukuru wa sendika y’abakozi bo kw’ishure ry’imyuga CFPP akamenyesha ko atumva igituma musitanteri wa komine Nyakabiga ariko arababurabuza kandi ata zindi mpapuro arerekana zibaka uburenganzira bwo kwegukira ico kibanza.

Twagerageje kurondera Eri Nkurunziza musitanteri wa komine Nyakabiga atumenyesha ko ataco afise abivugako muri uwo mwanya, tukaba tuzobandanya tumurondera atange umuco kuri ayo matati ari hagati y’ishure ry’imyuga CFPP n’uburongozi bwa komine arongoye kuri ico kibanza kiri i ruhande ya komine Nyakabiga.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.