IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Isidore Rufyikiri yakuwe mu rwego rw’abashingwamanza b’i Burundi

Isidore Rufyikiri yakuwe mu rwego rw’abashingwamanza b’i Burundi

mercredi 29 Nzero 2014

Isidore Rufyikiri yaraye akuwe ku rutonde rw’abashingwamanza na sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura, inyuma yaho yagirijwe ko amajambo yavugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru yari amajambo yo kugumura abanyagihugu n’ukugarariza inzego.

Kuri uyu wa 28 Nzero, Isidore Rufyikiri akaba yarakuwe mu rwego rw’abashingwamanza b’i Burundi aho ndetse yari anarongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura. Isidore Rufyikiri akaba amenyesha ko ivyo bigirwa n’abantu bafise inzigo y’akazikira, bagashaka kuzivya abagira ico bashikirije bose ku bitagenda neza kuri iyi nrtwaro y’umugambwe CNDD FDD. Isidore Rufyikiri akavuga ko ivyo kumukura mu rwego rw’abashingwamanza, abacamanza bamwe bamwe bakemera bagatamikwa ijambo kugira akurweko uburenganzira bwiwe, mu minsi nabo bazirukanwa, igihe ubutungane buzoba bwigenga vy’ukuri.

Tukabamenyesha ko Isidore Rufyikiri yari yarengutse ku wa 20 Nzero uyu mwaka ari kumwe n’abashingwamanza biwe, eka ndetse akaba yari yaherekejwe n’abandi bashingwamanza batari bake bo mu Burundi, Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abari baserukiye Afrika y’Ubuseruko n’abandi bo mu bindi bihugu bitandukanye.

Akaba akuwe kuri urwo rutonde, abatari bake basemerera haba abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, imirwi y’abashingwamanza mpuzamakungu n’imigambwe itandukanye yo mu Burundi. Iyo ngingo rero igategerezwa guca ija mungiro naho Isidore Rufyikiri yokwunguruza urubanza. Kuva iyo ngingo iroye mu ngiro, Rufyikiri agaca atakaza n’ububasha bwo kurongora urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura.


Aristide Niziigire

Messages

  • Yoooo.mbega ubutegetsi mushingantahe rumpfikiri urabe neza abo bantu batazakwica kuko kukwaka ijambo bisa no kukwereka ko badagukunda kandi bashaka ni bakugandagura ntihaze hagire uwugukurikirana imana izogufasha uri imvuga kuri naho bokwambura ivyo utunze vyose uze wame ubabwiza ukuri.

  • kakarwi kariko kegerana,ababuze ubutegetsi kadashobora gutorwa bishized muturwi twokurwanya leta ariko barahinyutse,emwe ni aduge kuragira inka mbona abibereye nimvugo akoresha biraberanye no kuragira

  • Komera Mutam ntucikingokora nuburahuvugira uragirurunaninkabandi abantumukivugukuri tuzobarwiryuma iconogusaba ntucikintege iyonimigisha bakongereye barya bazorira bitebebitebuke

  • imbwa yarahiye kumutsembe ngo buretse tuzoraba ejo aha pole sana

  • Abantu bakajagari turabizi kwataruwogusa zamuragerageza kubakebura bareke akajagari arikomugihe batisubiyeko mubahagarika mumabaga bababashinzwe ubonako arinayo bikinganga inyuma maze bakagumura abenegihugu, maze muzoze murahagarika umwe hanyumamurindire murebe kwabandibikebuka ndizeye nibabona bigendagurtyo abasigaye bazoheza batangure gukorakazikabo birinda kuvuga ibintu vyokugumura abenegihugu.

  • u Burundi ni igihug citwa ko kirimw demokarasi mug iy har uwubahuts kuvuk ko har ibitagend nez mugihug bac bamuzivy mbeg iy niy demokarasi koko?mbeg mugih abanyagihug batoshobor kuvug ic bagon twob tuja h tukav h?ret irakwiy kwikubit agash ah gubahagarik bokwicar hamw bakarab ibitagend nez

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.