Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isirayeli : Amatora rusangi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isirayeli : Amatora rusangi

Isirayeli : Amatora rusangi

mercredi 23 Nzero 2013

Abany’isirayeli bazindukiye mumatora rusangi yo kwemeza nimba umushikiranganji wa mbere Benyamini Netanyahu yoguma ku butegetsi.

Ibipimo vy’ukuntu abantu bashobora gutora vyerekana ko umugambwe wa Benyamini Netanyahu hamwe n’iyindi migambwe iwushigikiye izotsinda ariko ko intebe zayo munama nshingamateka zizogabanuka.

Muri ivyo bipimo vyerekana ko ihuriro ry’imigambwe iri k’ubutegetsi rimaze imisi ritakaza icizere ku buryo abanywanyi b’ iyo migambwe muri aya matora bashigikiye umugambwe Bayit Yehudi uyirushije ubukari mugushaka ko ibintu bidahinduka.

Uwo mugambwe urongowe n’umutunzi Naftali Benett adashigikiye ko haba Leta y’abanyapalestina mu ntara ya cisjordaniya.

Abamenyeshamakuru b’abaisirayeli bavuga ko ibikorwa vyo kwiyamamaza vyibanda ku ngorane ziri mugihugu n’ukuntu ubuzima burushiriza kuzimba ha kwibanda cane cane ku kuntu Isirayeli yobana na palestina mu mahoro.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.