Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isirayeli yagize igitero muri Siriya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isirayeli yagize igitero muri Siriya

Isirayeli yagize igitero muri Siriya

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30Nzero 2013, indege z’intambara za Isirayeli zararashe imodoka zari zitwaye ibirwanisho birasa indege vyakorewe m’u Burusiya, bivugwa ko vyoba vyari bigenewe umugwi Hezbollah wo mu gihugu ca Libani.

Nk’uko abategetsi ba Leta zunze ubumwe za Amerika babibwiye BBC ngo ivyo birwanisho vyoba vyari bigiye muri Libani,gushigikira umugwi Hezbollah ugendera ku mategeko ya Islam.

Igihugu ca Isirayeli kikaba kivuga ko ivyo kidashobora kuvyihanganira.Igihugu ca Siriya cisiguye kw’ishirahamwe mpuzamakungu kivuga ko ico gitero cakozwe mu kigo c’igisirikare gikora ubushakashatsi.

Imbere y’uko ivyo biba,igihugu ca Siriya cari camenyesheje ko gifise impungenge cane ku makuru avuga ko indege z’igisirikare co muri Isirayeli zarashe muri Siriya.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Siriya n’ibindi bihugu yavuze ko nka hamwe amakuru y’ico gitero yoba ari ukuri,koba ari gusomborotsa giteye kubiri n’amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu,kandi ko gishobora gutuma ibintu bibandanya kumera nabi gusumba.

Tubamenyeshe ko Leta ya Isirayeri itigeze yemera ko yagize igitero mu gihugu ca Siriya.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.