Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel :Ariel Sharon hafi imyaka umunani ari muri COMA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel :Ariel Sharon hafi imyaka umunani ari muri COMA

Israel :Ariel Sharon hafi imyaka umunani ari muri COMA

mercredi 11 Nyakanga 2013

Uwahoze ari umushiikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel Ariel Sharon, kuva mu mwaka wa 2006 yarataye ubwenge bimwe bita kuja muri ‘’coma ‘’ kuva aho agiriye isanganya, ubwonko bwiwe bukamererwa nabi. Ubu akaba aheruka kubagwa mu mushishito mu ntumbero yo kugira abandanye agaburirwa n’iubuhinga bw’abaganga.

Iryo barwa ryiwe rikaba ryamaze iminota 90. Igenekerezo rya 3 Nyakanga niho ubuyobozi bw ‘ibitaro Tel Hashomer vy’i Tel Aviv bwamenyesheje ivyavuye muri ico gikorwa co kubaga uwo murwayi asanzwe azwi cane mbere kw’isi yose: Ariel Sharon. Babibicishije mu mazuru, abaganga bashizeyo akuma ahasanzwe haca imfungurwa kugira bishoboke ko agira inyobwa anyoye kugira ashobore kubandanya abaho.

Mwomenya ko igihe yagira iryo sanganya, uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel Ariel Sharon yarasanzwe ari muri babantu bafise ingwara yo kuvyibnuha cane bimwe bita obesité, ariko ubu ngo yoba ageze ku biro 50 gusa , inyuma y’ryo bagwa ryiwe yaciye ajanwa aho bamufasha mu vyerekeye guhema. Imyaka indwi n’igice iheze inyuma yo guhura n’isanganya aho ubwonko bwiwe bwahononoekariye cane, Ariel Sharon ubu afise imyaka 85, gushika n’aya mango aracari muri coma. Ubu uwo murwayi arumva kandi arishura n’ubwonko bwiwe, ariko imitsi yiwe ntikora. Ubu rero amahirwe y’uko yoshobora kuva ku musego ni make cane, vyasiguwe n’umwigisha Alon Friedman, umuganga w ‘imitsi mu bitaro vya Soroka i Beer Sheva, inyuma yo kumukorera ibipimo bitari bike muri cacuma bita scanner.

Ariko rero naho mu bisanzwe abantu bamwe bamwe batemera guhohosha umuntu , kubona uwo mutegetsi yahora akomeye cane mu gihugu ca Israel batamuhohosha, ntivyoba bifatiye ku madini. Ahubwo ni kubera abahungu biwe babiri boba baranse, mu gihe bagifise icizere ko azokira. umuhungu wiwe w ‘umuhererezi mu gitabo yanditse, amenyesha ko iyo yikanguye aramuraba, akikoma intoke, aho rero aca abona ko amwumva. Ingwara yiwe ikaba ibatwara amafranga atari make kuko ku mwaka bariha amafranga y‘amanyaburaya 300000, aho igice cayo gifashwe mu mugongo na Leta ya Israel, hariho ayo bariha abamucungerera umutekano, amakamera, n’abaganga.

Mwomenya ko buri musi haguma hari uruja n’uruza rw ‘ abiwabo mu muryango, baguma baza kumusuhuza. Ariko ntawuzi ryari bazogeza mu kuza kumuraba ku munsi ku munsi, kuko igihe ni kirekire ari muri koma.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.