Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel: Benjamin Netanyahu Yasabwe Gushiraho Reta Nshasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel: Benjamin Netanyahu Yasabwe Gushiraho Reta Nshasha

Israel: Benjamin Netanyahu Yasabwe Gushiraho Reta Nshasha

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Prezida w’igihugu ca Israel yasavye umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, gushiraho Leta nshasha, inyuma yuko avuganye n’imigambwe yose uko ari cumi n’ibiri yatsindiye ibibanza, mu matora yabaye mu ndwi iheze.

Netanyahu, muri iki gihe afise indwi zitandatu, kugira ashireho Leta y’urunani. Niyo yabishikako, azoca atangura ikiringo ciwe kigira gatatu, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijambo yashikirije, ejo ku musi wa gatandatu, Netanyahu yarasubiye kuvuga kw’ikintu Reta yiwe izoshimikirako kurusha ibindi, kuzoba gutuma igihugu ca Irani kidakora ibigwanisho ruhonyanganda.

Yongeye kandi avuga kw’azoshiraho Reta ihurikiyemwo impande zose zishoboka, akaba yasavye imigambwe itavuga rumwe na Reta kuja, muri Reta yiwe y’utrunani.

Bitegekanijwe kw’ibiganiro icese vy’ugushiraho Reta y’ubumwe bitangura, uno musi ku w’Imana.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.