Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel: Indege z’Ingwano Zarateye ku Butaka bwa Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel: Indege z’Ingwano Zarateye ku Butaka bwa Syria

Israel: Indege z’Ingwano Zarateye ku Butaka bwa Syria

mercredi 30 Nzero 2013

Indege z’ingwano z’igihugu ca Israel, zarateye amabombe, ku butaka bw’igihugu ca Syria, ejo ku musi wa gatatu, bubaye ubwa mbere, mu kiringo c’imyaka itanu.

Amakuru yerekeye ivyo bitero vy’indege z’ingwano aratandukanye, igihugu ca Israel kikaba ataco cavuze, ku ngingo cafashe.

Abategetsi b’igihugu ca Syria, batangaje kw’indege z’ingwano z’igihugu ca Israel, zarashe ku kibanza c’ubushakashatsi bw’ivyerekeye igisirikare, hafi y’umurwa mukuru Damas, mu vyahitanye abantu babiri, abandi batanu barakomereka.

Ibinyamakuru radiyo ya televiziyo vyo mu gihugu ca Israel, no mu bihugu vy’i Bulaya na Amerika, vyatanze amakuru y’igitero c’indege z’ingwano za Israel, cabereye mu kibanza gitandukanye, hafi y’urubibe hagati ya Syria na Libani, ku modoka zivurwa ko zari zishiriye ibice vy’ama missile umurwi Hezbollah, urwanya bikomeye Israel, ufise icicaro mu gihugu ca Libani.

Amakuru atandukanye yatanzwe, kuri ico gitero ca Israel, ntiyashoboye kwemezwa n’amakuru yigenga, uno musi ku wa kane, ivy’uko habaye igitero kimwe canke ibitero bibiri bitandukanye ntibitomoye. Igihugu ca Israel kenshi nticemera ko cafashe ingingo za gisirikare z’ukwitanga umwansi, ico gihugu akaba ataco cavuze, ku gitero cabereye muri Syria, ejo ku musi wa gatatu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.