Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel : Netanyahu yemeje ko agiye gukosora intagondwa zo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel : Netanyahu yemeje ko agiye gukosora intagondwa zo muri (...)

Israel : Netanyahu yemeje ko agiye gukosora intagondwa zo muri Hamas

mercredi 22 Nzero 2014

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benyamin Netanyahu amenyesha ko agiye guha icirwa abarwanyi b’intagondwa baba islam ba Hamas, hamwe batoreka gutera amabombe muri Israel.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel akaba avuga ko hamwe izo ntagondwa zitoreka kubasotora zizibonerako. Amenyesha ko amabombe izo ntagondwa zimaze iminsi, zibaza ko ubutegetsi bwa Israel butabibona, Netanyahu amenyesha rero ko buca abakosora kandi bidatevye, kuko badashobora kwihanganira ako gasomborotso.

Netanyahu akaba yavugiye ivyo mu kiganiro yahaye abanditsi n’abanyamakuru ari kumwe na mugenzi we wo mu gihugu ca Canada Stephen Harper. Netanyahu rero akaba atariye umunwa mu gushikiriza ivyo imbere y’abamenyeshamakuru. Yagize ati : ’’Uwutosora ifuku yamiza akatsi mujisho, ako Israel imaze gukosora izo ntagondwa za Hamas biraboneka ko zitarahaha, arico gituma tugira dusubire tubahe icirwa gitosoye.’’

Tukaba twobamenyesha ko mu gihe giheze, habonetse urwimo rudasanzwe ku rubibe rwa Israel na Gaza, aho abasirikare ba Israel ku wa 14 gushika ku wa 21 Munyonyo umwaka w’2012, abanyepalestina bagera 170 hamwe na 6 bo muri Israel bahasize ubuzima. Ubu rero ibintu bikaba bitifashe neza ku mbibe z’ivyo bihugu bibiri, aho ubona ko ijisho rikanuwe cane, hagati y’abasirikare bo ku mpande zose.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.