Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutariyano : Abantu 39 nibo bahasize ubuzima mw’isanganya ryahabaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano : Abantu 39 nibo bahasize ubuzima mw’isanganya ryahabaye

Ubutariyano : Abantu 39 nibo bahasize ubuzima mw’isanganya ryahabaye

lundi 29 Mukakaro 2013

Abantu isinzi basize ubuzima mwisanganya ry’umuduga ryabaye ejo ku munsi w’Imana hafi ya Avellino mu gace ka Naples, mu Bumanuko bw’igihugu c’Ubutaliyano. Iyo modoka yisetse kukiraro kiri hejuru y’umwonga munini w’imetero 30 uja hasi.

N’isanganya ribaye rikomeye ku mugabane w’Uburaya, muri ino myaka iheze 39 nibo bahasize agatwe n’abarenga cumi barakomereka cane kuko iyo modoka barimwo yaguye mu kinogo kinini bituma n’abajejwe gutabara mu mpanuka batoroherwa mu gikorwa cabo. Nk’isaha umunani zo mu gicugu, ibiziga 36 nivyo vyari bimaze gutorwa gusa n’abaje gutabara. Mubakomeretse cane, haharurwamwo abakenyezi 6, abagabo 2 n’anbana 3. Ubu ibintu bikaba bitoroshe, ivyemezwa n’umukuru w’abajejwe kuzimya umururiro, akaba yabivugiye kumboneshakure y’amakuru Sky TG24. Hageze n’igihe abajejwe gutabara, basaba ko haba agacerere kugira bumve ko atawoba ariko aratabaza muri ico kinogo baguyemwo kugira bihutire gutabara.

Iyo modoka yari nini idasanzwe itwara ingezi, ikaba yari itwaye abagera kuri mirongo itanu, bose bava mu ntara ya Naples, bari baje bava murugendo i Pietrelcina, igisagara c’amavuko ca patiri Padre Pio asanzwe akundwa cane mu Bumanuko bw’igisagara c’Ubutariyano. Aho habereye insanganya, hakaba hari abana benshi, umudereva w’iyo modoka nawe yaciye apfa ubwo nyene inyuma y’isanganya, ariko ivyatumye iyo sanganya iba bikaba bataramenyekana neza.
Hari ibivugwa ko iyo modoka yariko igenda iriruka cane, mugihe hari ivyapa vyinshi muri iryo barabara ryabereyemwo iryo nsanganya vyerekana umuvuduko imodoka zidashobora kurenza.

Ivyabona bimwe bimwe navyo, ngo iyo modoka yoba yari yacitse amafile ayituma ihagarara. Iryo nsanganya rikaba ribabaje kuko ryahitanye ibitari bike mw’ibarabara. Rusehabaniha nazo zari zahishikiye kuva isaha icenda zo m’ubucagucacu kugira zikize aba abatarasinzikara.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.