Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itegeko ryo kudandaza no kugurisha urumogi ryatowe muri Uruguay - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Itegeko ryo kudandaza no kugurisha urumogi ryatowe muri Uruguay

Itegeko ryo kudandaza no kugurisha urumogi ryatowe muri Uruguay

jeudi 12 Kigarama 2013

Itegeko rirekura gukora no kudandaza urumogi rwo mu bwoko bwa Cannabis ryatowe mu gihugu ca Uruguay, iryo torwa naryo ry’iryo tegeko mu nama nshingamateka, rikaba ryateye impari mu gihugu c’Ubufaransa.

Ku bwa Reta ya Uruguay, gutora itegeko nk’iryo rifasha kugabanya ingorane zitumwe no kwihereza ibiyayura mutwe. Iryo tegeko rirategekanya uburyo butatu bwo kuronka ico kiyayura mutwe: hariho kucirimira, kurima ivyo biyayura mutwe mu mirwi y’abavyiyuka canke kubidandaza mu mazu adandaza imiti, kandi naho ku rugero rutarenza ama garama 40 ku kwezi.

Kwamamaza urwo rumogi rwo mu bwoko bwa cannabis birabujijwe, kandi abarurima canke abarunywa bategerezwa kuba bakwije imyaka, vyongeye baba muri Uruguay, inyuma y’ivyo abo bose baca biyandikisha mu gitabo c’igihugu ( registre national). Mu gihugu ca Uruguay, kunywa cannabis nta tegeko ribibuza, ku bw’amashirahamwe yabarwihereza, igitigiri kigera ku 200.000 mu gihugu bashobora kuba banywa urwo rumogi. Ico gitigiri catumye umukuru w’ igihugu ca Uruguay José Mujica atangaza ko kibaye igihugu ca mbere kw’isi kidandaza cannabis kurusha ibindi.

Mu mwaka w’ 2012, Ubufaransa bwari bufise ikibanza ca 4 mu bihugu bigize Ubumwe bwa Buraya, baravye kudandaza no kunywa cannabis, ivyo vyameshwa n’urwandiko rw’ikigo “Observateur europeen” kiraba abanywa ibiyayura mutwe n’ababidandaza. Intambwe ya mbere yashitsweko n’Ubufaransa mu gutangaza ibwirizwa rirekura kudandaza ibiti birimwo cannabis.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.