Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itohoza mpuzamakungu ku bishwe na Drones - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Itohoza mpuzamakungu ku bishwe na Drones

Itohoza mpuzamakungu ku bishwe na Drones

jeudi 24 Nzero 2013

Ibitero vy’indege zo mu bwoko bwa drones bigiye gukorwako itohoza birimwo ivyagabwe mu bihugu vya Pakistan, Afghanstan, Somalia na Yemen.

Umunyamategeko w’Umwongereza ayoboye umurwi ujejwe iryo tohoza Ben Emmerson, avuga ko uzotohoza ku bitero bigera ku 25, harimwo icagabwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Pakistan mu 2011.

JPEG - 15.5 ko
Indege yo mu bwoko bwa drone

Ico gitero kivurwa ko cahitanye abanyagihugu basanzwe bagera ku 40.
Bwana Emmerson avuga ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitigeze zihakana korohereza abakora itohoza.

Yongeyeko ko ari itegeko hisunzwe amasezerano yubahiriza kiremwa muntu, gukora amatohoza ku bikekwa ko ar’ivyaha vyo mu ntambara.
Abajejwe gukora iryo tohoza bazoshikiriza icegeranyo cabo inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu mu kwezi kw’icumi.


Paterne Nsengiyumva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.