Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyabereye mu giteramo ca Keith Urban n’akamaramaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ivyabereye mu giteramo ca Keith Urban n’akamaramaza

Ivyabereye mu giteramo ca Keith Urban n’akamaramaza

jeudi 31 Mukakaro 2014

Igiteramo c’umuririmvyi Keith Urban cabayemwo ubuja bwinshi, umwana w’umukobwa w’imyaka 17 yarafashwe ku nguvu ku mugaragaro mu giteramo cariko kigirishwa n’umurwi, abantu bagera kuri 20 bajanywe mu bitaro kubera inzoga zirenze banyoye.

Igiteramo c’umuririmvyi Keith Urban co kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro cabayemwo akamaramaza. Hagati mw’isinzi ry’abantu, umuhungu yafashe ku nguvu umwana w’umukobwa w’imyaka 17. Umugore yari hafi yahariko habera iryo bara yaciye atabaza abajejwe umutekano. Bungingo aje gufata uwo muhungu, yaciye yiruka ariko baruhiye kumuta muri yompi. Uwo mugore avugako yabajije uwo mwana ko bari bavyumvikanye, nawe yishura ko yamufashe ku nguvu. Uwuburanira uwo musore batavuze izina, avugako uwo aburanira arenganywa kubera ivyabaye bari bavyumvikanye. Hasigaye kw’abacamanza baraba amasanamu yafashe n’ababibonye kugira bamenye ukuri.

Si ivyo gusa, muri ico kibanza c’i Mansfield (Massachusetts), hafi ya Boston muri Reta Zunze z’Amerika, hari akaborerwe kadasanzwe. Abantu bagera kuri 20 barajanywe kwa muganga kugira babakuremwo inzoga z’umurengera bari banyoye. Abandi nabo barahagaritswe n’abajejwe umutekano kubera akaborerwe karenze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.