Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyashikiye Académie Tchité ntivyari bwabe muri kahise k’umupira w’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ivyashikiye Académie Tchité ntivyari bwabe muri kahise k’umupira w’i (...)

Ivyashikiye Académie Tchité ntivyari bwabe muri kahise k’umupira w’i Burundi

lundi 29 Kigarama 2014

Igice ca mbere c’inkino zihuza imirwi y’umupira w’amaguru iri mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue caraye kirangiye. Vital’o iracari kw’isonga, nayo Académie Tchité irangije igize ibitari bwigere biba mu mupira w’amaguru w’i Burundi.

JPEG - 37.8 ko
Umurwi wa Académie Tchité

Inkino za nyuma zarangije igice ca mbere (Aller) muri Primus Ligue zahuje imirwi ya Vital’o na Bujumbura City hamwe n’urukino rwahuje LLS4A na Volontaire. Vital’o yatsinzwe 1-0 na Bujumbura City, LLS4A itsinda Volontaire 3-1. Umurwi wa Vital’o urangije inkino za mbere uri kw’isonga n’amanota 34.

Umurwi wa Académie Tchité kuva ihiganwa rya Primus ritanguye nta nota narimwe ufise, mu nkino cumi na zitanu wakinye winjije kabiri gusa: ku ndwi y’indwi(7eme journée) yinjije kimwe itsindwa 4 na Prince Louis(7-1), Académie Tchité kandi yinjije kimwe itsindwa bine na Messager Ngozi hari mu rukino rw’indwi y’i cumi(10eme Journée).

Ibitsindo vyinshi Académie Tchité yinjijwe mu nkino za "Aller" muri Primus Ligue

Ku ndwi ya mbere y’ihiganwa, umurwi wa Académie Tchité wakinye na Muzinga iwutsinda bitandatu ku busa( Inter Star 6-0 Académie Tchité). Bukeye kabiri ku ndwi ya gatatu, Inter Star yatsinze Académie Tchité ibitsindo umunani ku busa(8-0). Ku ndwi y’indwi, Académie yatsinzwe bine na Messager Ngozi(4-1), bukeye itsindwa 5 na Vital’o. Ku ndwi y’icumi yatsinzwe na Prince Louis 7-1. Abakurikiranira hafi umupira w’amaguru w’Uburundi bavuga ko ivyashikiye umurwi wa Académie Tchité bitari bwabeho muri kahise.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.