IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein vyafashwe nka nkama muri (...)

Ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein vyafashwe nka nkama muri ONU

lundi 20 Ndamukiza 2015

Mu nama yagizwe n’akana ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano kw’isi, bakaba bafashe akanya baharira ku kibazo c’amatora mu Burundi, ndetse haca harasohorwa itangazo.

Muri iyo nama yabaye kuri uyu wa 16 Ndamukiza uwu mwaka, abagize akanama ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano, bakaba basaba aberwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi bose, gushira imbere amahoro, yabonetse mu gihugu bigoranye. Abo bagize ako kanama, barashima umwitwarariko ufiswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uwujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ONU Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Kikwete, umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika Dlamini-Zuma, Reta y’Uburundi n’abandi bose baterera mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro.

Muri iyo nama, abagize akarwi ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano, bakaba bavuga ko bafashe nka nkama ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein ku wa 15 Ndamukiza, aho yasavye inzego z’igihugu n’iz’umutekano, guhagarika vuba ibikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, abarongoye imigambwe nabo, bagafasha urwaruka rubayoboka kugira uruhara mu kwubaka n’amahoro, aho kurwigisha inzankano, n’amajambo atera ubwoba abandi.

JPEG - 28.9 ko
Zeid Ra’ad Al Hussein ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU

Abo bagize akarwi ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano, basaba abanyeporitike bose kwirinda guhohotera abandi yaba imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora, bagashigikira nyabuna amahoro. Ako kana, kababa kateye ivyatsi igikorwa kigayitse c’akarwi k’abantu bashatse kwica umukenyezi wa Agaton Rwasa arongoye FNL yigenga ku wa 15 Ntwarante, ndetse ako kanama kakaba kandi gatewe umutima uhagaze n’impunzi ziguma ziyongera mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi. Ako kanama, kakamenyesha ko kazoguma gakurikiranira hagufi Uburundi, n’ico cose coza gihungabanya amahoro yabonetse habanje guseseka amaraso y’abanyagihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.