Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyiza vyo kwoga mu maso imbere yo kuryama. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ivyiza vyo kwoga mu maso imbere yo kuryama.

Ivyiza vyo kwoga mu maso imbere yo kuryama.

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Dusanzwe tuzi ko amazi ari ngirakamaro k’umuntuwese.Ariko benshi bamenyereye ko amazi afise akamaro kanini iyo umuntu ayanyoye gusa.K’ubushakashatsi bwama bukorwa,buremeza ko amazi aringira kamaro no k’umubiri w’umuntu.

Akarorero n’uko iyo umuntu ayoze, yumva amerewe neza m’umubiri. Ikindi naco kimaze guhanurwa, n’uko iyo umuntu arushe mu maso ngo vyiza ni uguca yisukako utuzi mu maso.
Ku bantu bakunda hoho kwisiga ibintu mu maso na cane cane abigeme n’abapfasoni bisiga ivyo bita « maquillage »,ngo n’ivyankenerwa cane ko bararaboze mu maso.
Hari impavu zishika kuri zitanu zotuma umuntu yokwoga mu maso imisi yose imbere yuko aryama mw’ijoro :

1) Ni kugira agwanye ingwara zo mu maso
Iyo umuntu atikuyekoivyoyisize mu maso « maquillage»,bishobora kumugirira ingaruka mbi mu maso,agashobora no kuguma ashaka kwiyagaza kubw’ivyo yisize vyamwumiyeko.Ni vyiza rero kwiyoga mu maso imisi yose imbere yo kuryama kubera ari igihimba gikarirwa n’umwanda na cane cane ko ari icankenerwa mu buzima bwa minsi yose.

2) Kugira agire mu maso heza kandi hakeye

Iyo umuntu aryamye mw’ijoro,umubiri urakora cane.Urihindura,ugakora ivyo twokwita "Sebum".Ngo iyo umuntu yisize rero maquillage,aba azibiye udutoboro tw’umubiri umuntu ahemeramwo,ari naco gituma ari vyiza kwiyoga mu maso mw’ijoro kugira umubiri usubireguhema neza kandi ushobore kugira n’amagara meza.

3) Kugira umubiri uheme kandi habe n’isuku

Umubiri w’umuntu wirirwa muri vyinshi umunsi wose.Na cane cane mu maso,aho usanga tuguma twikora ko tutakaravye mu ntoke canke twihanaguza n’udutambara tudasa neza.Ivyo vyose ugasanga birongereza umwanda k’umubiri inyuma y’imiyaga n’ivumbi biba vyadutumukiyeko.Kurya ,umuntu aryama yambaye agahuzu ko kuryamana kameshe neza,niko yategerezwa no kwoga mu maso imbere yuko aryama.

4) Gukingira umubiri ntusaze

Umubiri usa nabi wama wuzuyeko imigera bigaca bituma umuntu agira uduhere twinshi tuguma tuvyimvye mu maso.Ibihere bituma umubiri usaza ningoga kuko ntuba ugishobora kwigwanira n’inguvu kubw’imigera iba yamuteye.Ikindi naco,kwisiga ibintu vyinshi mu maso,bituma umubiri wuma,ivyo navyo akaba atari ikimenyetso ciza kumagara y’abantu.

5) Kugira ivyo umuntu azokwisiga umunsi ukurikira ntibize bigorane

Iyo umuntu atoze mw’ijoro,umubiri uba uremerewe,wuzuye ivyo yisize kandi ntuba usa neza ivyo bigatuma udutoboro tw’umubiri tugira ingorane zoguhema mbere ni ugerageje gusubira kwisiga umusi ukurikira ntibiheza ngo bifate nku’uko umuntu yavyipfuza.Ntibihezango bise neza rero kuko haba hageretswe kubindi vyari bihari.
Umuntu ahejeje kubona ibituma yokwoga mu maso iminsi yose imbere yuko aryama,yoca yibaza ingene yobigenza kugira yikureko ivyo yisizeneza,ivyo bita « se démaquiller »mu kinyamazuru.
Ni ukurero uko umuntu yobikora :

- Gukaraba mu ntoke kugira akore mu maso asa neza mu biganza
- Kutagira ubwoba gukoresha amazi yagenewe gukura ibiba biri ku maso « démaquillant » nubwo bitorohera bose kuyironka no kuyikoresha.
- Iyo wakoresheje iyo démaquillant,vyiza n’ukurindira akanya gato kugira ikure yonyene ubucafu bwari mu maso,umuntu atarinze gukoresha inguvu canke yinyukura.

Kw’isiga mu maso canke kwikora nkuko benshi bakunze kubivuga ntivyari bibi ariko kurenza urugero nivyo bishobora kugira ingaruka mbi k’umubiri w’umuntu.Nico gituma bahanura ko, biba bike canke biba vyinshi,ari vyiza kwiyoga mu maso imbere yuko umuntu aryama kugira akingire umubiri yiwe wo mu maso.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ikintu iyo ugikoze ukarenza urugero kigira ingaruka haba no kurya iyo urengeje huuuum uwubizi n’umugabo y’itwa Temarirwe umu star mu kurya,ariko kwoga mu maso imbere yo kuryama ni ngombwa; aba isilamu bo baragikemuye kuko baryama basenze isengesho ryo mwijoro kd ntushobora gusenga iwabo udakaravye no mu maso harimwo.

  • non kuberik harih abant usang bagir isuku mubuzimam bwabo arik ugasang bafis uduher mumas non abonabo mwobabwir iki bakor’iki? tubwore mwoba mukoz

  • Non twebwe abahungu kodufatwa nibihere bivyaguki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.