Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma ahamagara abanyafirika y’epfo gusengera Nelson Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Jacob Zuma ahamagara abanyafirika y’epfo gusengera Nelson Mandela

Jacob Zuma ahamagara abanyafirika y’epfo gusengera Nelson Mandela

jeudi 28 Ntwarante 2013

Bivuye kungwara yiwe y’amahaha,Nelson Mandela yaraye yinjiye ibitaro vyihutirwa mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu ushira uwa kane.Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo bihamara abantu bose kumusengera.

Mw’itangazo ryokuruyu wakane mugitondo bamenyesheje ko Nelson ageramiwe.Ibiro vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko abaganga bariko baramwitaho cane kandi ko ariko avugwa neza n’abaganga babahinga ahantu hameze neza.

Jacob Zuma asaba abanyafirika y’epfo kumusengera nogusengera umuryango wiwe,ico n’icerekana ko amagara yiwe ageramiwe cane,uwahoze arongoye ANC akaba yaramaze kuja mubitaro bivuye kwiyo ngwara nyene akaba afise imyaka 94.

Twobibutsa ko kw’igenekerezo rya 8 ukwezi kwakigarama yariyinjiye mubitaro akaba yareruwe n’indege imukura muhira iwe aha aruhukira i QUNU.Yasohotse ibitaro kw’igenekerezo rya 26 ryukwo kwezi nyene inyuma yukubarwa.Abaganga bamukurikirana bakaba bari bamenyesheje ko amagara yiwe ameze neza kw’igenekerezo ry’9 ntwarante muruyumwaka.


Irambona Dorine

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.