Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma aracagirwa n’ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma aracagirwa n’ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta

Jacob Zuma aracagirwa n’ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta

jeudi 20 Ntwarante 2014

Mu gihe yagirizwa ko yasesaguye amatungo ya Reta mu gukoresha amahera y’umurengera mu gusubiramwo no gushariza inzu yiwe, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma, azotegerezwa gusubiza igice kimwe ca mahera yakoresheje, vyamenyeshejwe n’umuhuza asanzwe ajejwe gukurikirana ikoreshwa neza ry’ubutunzi bwa Reta.

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma azotegerezwa gusubiza igice c’amahera yakoresheje mu gusubiramwo inyubakwa ziwe, hamwe no mu kongereza umutekano wiwe nk’uko biri mu cegeranyo cerekanywe kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 19 Ntwarante, na Thuli Madonsela, ajejwe gukurikiranira hafi uko amatungo ya Reta akoreshwa.

Muri ico cegeranyo barerekana neza ko uburyo bwakoreshejwe ari umurengera cane ugereranije n’ivyari bikenewe, kugira umutekano w’umukuru w’igihugu ucungerwe neza vyukuri , mbere muri ico cegeranyo baremeza ko hoba haragiyemwo haragiyemwo ubunyonyezi . Muri ico cegeranyo nyene barerekana neza ko umukuru w’igihugu yari yaronkejwe amafaranga yo gukora ibikorwa bijanye no kwongereza umutekano wiwe. Ivyakozwe rero na Jacob Zuma, ntibijanye na gato n’amabanga asanzwe ajejwe.

Mwomenya ko Jacob Zuma yubakishije ubwogero bwiza cane, uruhongore rw’inka rw’akarorero , aho barabira amasinema n’ibindi n’ibindi. Ico kibazo rero c’uko yoba yaranyuruje amatungo ya reta kiracari mu mitwe y’abantu cane mu gihe ku wa 7 Rusama ariho hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.