Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma ariko aragerageza gutabarwa n’umugambwe wiwe mu bunyonyezi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma ariko aragerageza gutabarwa n’umugambwe wiwe mu bunyonyezi (...)

Jacob Zuma ariko aragerageza gutabarwa n’umugambwe wiwe mu bunyonyezi yagirizwa

jeudi 20 Ntwarante 2014

Umugambwe ANC uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’Epfo, wavugiye umukuru w’igihugu Jacob Zuma, ko aho gukurikirana we ubwa mbere, hobanzwa gukurikiranwa abari bajejwe ibikorwa vyo gusubiramwo inzu yiwe, kugira hakomezwe umutekano, Abo nabo ni abashikiranganji, hamwe n’abahoze ari abashikiranganji eka n’abahinga babubatsi (architecte) nimba bishoboka.

Igihe umukuru w’igihugu yamenyesha inama nshingamateka ko ari we yiyubakiye inzu yiwe ndetse abanje gusaba ideni, ntiyataye mu makosa inama nshingamateka , nk’ uko bivugwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe ANC, Gwede Mantashe ,mu kiganiro n’abanditsi kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Ntwarante uyu mwaka, inyuma y’ivyaraye bishikirijwe mu cegeranyo cerekana ko habaye ubunyonyezi bw’amatungo ya reta. Amahera yakoreshejwe akaba angana imiriyoni 246 z’amarande ni ukuvuga (imiriyoni 16,5 z’amafaranga y’amanyaburaya, ico cegeranyo kikaba gisohotse imbere y’indwi 7 gusa kugira amatora abe.

Jacob Zuma

Jacob Zuma ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2009, bitegekanijwe ko azokwitoza atanzwe n’umugambwe wiwe ANC , kugira asubire atware iyindi myaka 5, yagirizwa kuba yikitse mu kiza kugira aronke amafaranga ashira kuw’inyuma mu kugura ibindi bintu vyo gushariza akeneye, akaba yagirizwa no kuba yarenze itegeko rimutuma kubungabunga amafaranga ya Reta.

Abakuru bose ba Reta, abakozi ba Reta hamwe n’abasanzwe bakora mu mashirahamwe yigenga, boba barakoresheje amafaranga nabi, bategerezwa gukurikiranwa mu butungane hama amahera yakoreshejwe mu buryo butari bwo, agasubizwa mu kigega ca Reta nk’uko bivugwa na Mantashe. Agira ati: "Iyo mvuze bose ,mba mvuze bose nyene’’ yabishimangiyeko cane aho avugako ko ANC ishobora gusaba insiguro umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma, ariko yongeye ahamagarira abanyamakuru kutaba impumyi, ngo batwarwe n’ibishobisho .

Uruhara rw’umwubatsi canke ajejwe ibikorwa vy’ubwubatsi (chef d’oeuvre) bitegerezwa gusuzumwa nimba ivyo bikorwa vyatumye umuntu agira ubutunzi burengeje kandi budaciye mu nzira zo, bakoresheje amahera ya Reta , ayo mahera ategerezwa gusubizwa mu kigega. Igikenewe cane kuri twebwe, ni kumenya mbe ninde yahebeye uwo muhinga w’umwubatsi akaba ariwe akora ako kazi, aho yabandanya atangazwa n’ukungene ata n’umwe arahagarikwa.

Umuhinga w’umwubatsi Minenhle Makhanya bamurishe mu bice, akaba yaronse imiriyoni 16,5 z’amarandi amafaranga arenga umuriyoni w’amafaranga y’amanyaburaya.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.