Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma yanse gusubira gushigikira Igisoda ca Centrafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma yanse gusubira gushigikira Igisoda ca Centrafrika

Jacob Zuma yanse gusubira gushigikira Igisoda ca Centrafrika

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Umukuru w ‘igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yatangaje ko amasezerano yo gufashanya mu vya gisirikare igihugu ciwe cari caragiranye na centrafrika ubu yabaye impfagusa inyuma yaho ubutegetsi bwa Francois Bozize buhirikiwe.

Umukuru w’igihugu Jacob Zuma ahanganye n’ishavu ryinshi ry’abanyagihugu b’igihugu ciwe inyuma yaho abasirikare ba Afrika yepfo 13 bahitanywe n’umurwi urwana Seleka muri Repubulika ya centrafrika mu kwezi guheze.

Ico cemezo co gutahukana abasirikare ba Afrika y’epfo, Jacob Zuma yagitangaje mu nama idasanzwe ku gihugu ca centrafrika yabereye muri Tchad ku musi wa gatatu.
Abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama baranse kwemera umukuru w’uyo murwi urwana wahiritse ubutegetsi muri centrafrika, Michel Djotodia.

Michel Djotodia yari yatangaje ko azorongora igihugu kugeza ku matora ategekanijwe mu mwaka wa 2016.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.