Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob Zuma yasibije urugendo rwiwe kubw’amagara ya Nelson Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob Zuma yasibije urugendo rwiwe kubw’amagara ya Nelson Mandela

Jacob Zuma yasibije urugendo rwiwe kubw’amagara ya Nelson Mandela

jeudi 27 Ruheshi 2013

Amagara ya Nelson Mandela abandanya kuba atifashe neza. Inyuma y’aho aviriye gusuhuza ku ncuro ya gatatu kuva Nelson Mandela yinjiye ibitaro ku genekerezo rya 8Ruheshi 2013, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma yasibije urugendo yarafise rwomushakanye kuri uyu wa kane mu gihugu ca Mozambique.

Ku mugoroba w’ejo, niho amakuru ava ku begereye umuryango wa Nelson Mandela kandi yemejwe na Napilisi Mandela amenyesha ko uwo yabaye umukuru w’igihugu w’umwirabure wa mbere wa Afrika y’epfo ubu ariko ahumeka abifashijwemwo n’ivyuma.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu nabo nyene baremeza ko Nelson Mandela abandanya aremba nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma asohotse ava mu bitaro gusuhuza Nelson Mandela, aho yamazeyo hafi iminota cumi n’itanu. Inyuma y’uwo mwanya yamaze gusuhuza Mandela, Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yaciye afata ingingo yo gusivya urugendo rw’inama ya SADC yagira ajemwo.

Mac Maharaj, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kubw’amakenga bafise ku magara ya Nelson Mandela, kandi ko ari uburyo bwo kwifadikanya n’umuryango wiwe n’abanyagihugu bo muri Afrika y’epfo muri iyi minsi umukambwe Nelson Mandela ari hagati y’ubuzima n’urupfu.

Abanyagihugu begereye ibitaro « Madiba » nk’uko abakunzi biwe bamwita arwariyemwo baranse gutanga amakuru ku magara yiwe ku bamenyeshamakuru isinzi bari mu kibanza c’i Pretoria aharwariye Mandela. Bamenyesheje ko mu ntumbero yo kudatanga amakuru aca ivutu, abo bamenyeshamakuru boza baregera ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo hagize ico bashaka kumenya.

Twobamenyesha ko kuva aho amagara ya Mandela atanguriye gutosekara, ico kibanza camaze kuba ihuriro ry’abantu bo mu mice itandukanye : abanye Afrika y’epfo baba baje kumusengera, abamenyeshamakuru bavuye mu mihingo y’isi yose n’abategetsi ba Afrika y’epfo. Ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Afrika y’epfo rukaba arirwo ruguma rusamirana muri ico kibanza c’i Pretoria hafi y’ibitaro Nelson Mandela w’imyaka 94 arwariyemwo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.