IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Jacques BIGIRIMANA : "Ntidushobora kubandanya igikorwa na kimwe ivyo (...)

Jacques BIGIRIMANA : "Ntidushobora kubandanya igikorwa na kimwe ivyo dusavye bitabaye"

mercredi 22 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL ku rwego rw’igihugu asaba inzego z’umutekano gutohoza bikomeye kandi vyihuta kugira hamenyekane abanyuruje umunywanyi w’umugambwe arongoye, MINANI Emmanuel batazira KANA.

Jacques BIGIRIMANA avuga ko abanyuruje uwo munywanyi ari abo bari basangiye umugambi w’ukugandagura umukuru w’umugambwe FNL ku rwego rw’igihugu Jacques BIGIRIMANA, ariko mu nyuma uwo Emmanuel MINANI agatandukana n’abariko bategura uwo mugambi.

Mw’itangazo yashikirije kuri uwu wa kabiri inyuma y’inyuruzwa ry’uwo munywanyi wa FNL, Jacques BIGIRIMANA yamenyesheje ko uwo mugambi wo kumugandagura umaze amezi abiri, akavuga ko abawutanguye bawukoranye n’uwo yanyurujwe, ko n’amanama yatunganijwe mu bantu batandukanye bazwi, barimwo n’abo muri FNL bavuga ko bafise amabanga mu gihugu.
Nk’uko umugambwe FNL ubimenyesha, Emmanuel MINANI yahavuye yanka kubandanya gukorana n’abo bantu mw’itegurwa ry’uwo mugambi.

JPEG - 56.6 ko
Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL

Jacques BIGIRIMANA avuga ko uwo mugambi wahavuye upfa, abari kumwe n’uwo yanyurujwe baca batangura kumuhigira ko bazomwica, mbere bakamurungikira n’ubutumwa, bakanamuterefona ku nomero zitiyerekana, bamubwira ko bategerezwa kuzomugandagura.

Umugambwe FNL uvuga ko wituye inzego zijejwe umutekano, urashikiriza n’amazina y’abariko barategura uwo mugambi.

"Abo ni bamwe twakura mu mugambwe, tubirukanye mu mugambwe kubera amakosa afatiye ku bugizi bwa nabi bakora, batunze ibirwanisho badafitiye uruhusha. Abo nabo ni Uwitwa IRANYIBUTSE Stany batazira Zidane, n’uwitwa NDAYIZEYE Jean batazira KARENZO."

Jacques BIGIRIMANA avuga ko inzego z’umutekano zokorera kubizoshikirizwa n’abari mu gasho, bari bafatanwe na Emmanuel MINANI, mu nyuma bakarekurwa bonyene, agasaba ko n’abo bandi yatanze amazina bokwumvirizwa, cane cane uwitwa Stany NDAYIRAGIJE.

"Nk’uko n’ibiro bikuru vy’iperereza vyari vyamufashe bimwagiriza amakosa y’urutavanako y’ukwiyitirira inzego z’umutekano atari murizo, y’ugutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha, dusaba ko imbere ya vyose yobanza agafatwa."

JPEG - 1.9 Mo
"Ntidushobora kubandanya igikorwa na kimwe ivyo dusavye bitabaye"

Jacques BIGIRIMANA akamenyesha ko ivyo asavye bitabaye, ata gikorwa na kimwe c’ukwubaka igihugu muri FNL bazosubira kubandanya.

Abo babiri bagirizwa n’umukuru w’umugambwe FNL tukaba tutarashobora kubaronka kugira bagire nabo ico bashikirije.

Umukuru w’umugambwe FNL mu ntara ya Rumonge yaburiwe irengero kuva mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere. Emmanuel MINANI batazira KANA yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamusanze mu bunywero mu Gatumba, aho yariko asangira urukanwa na bagenzi we nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho bari bambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile) bashitse babwira abari kumwe n’uwo yanyurujwe ko bobakurikira. Bose uko bari batandatu baciye bajanwa berekeza mw’ishamba rya Rukoko.

Inyuma y’amasasu menshi yumvikanye, batanu mubari bajanye na Emmanuel MINANI bararekuwe, ariko uwo arongoye umugambwe umugambwe FNL mu Rumonge akaba atagarutse.

Mu muryango wiwe amakenga ni menshi, bagasaba igiporisi ko hokorwa amatohozwa, abanyuruje uwabo bamenyekane, yongere arekurwe. Igiporisi kikaba caciye gita muri yompi abo bari bafatanwe hamwe nawe mu nyuma bakarekurwa, mu giporisi bagasigura ko ari ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

  • Ukwokudomako urutoki bivuzwe na Nyakwubahwa J Bigirimana, jewe ndagushimye ababijehwe babikorereko.
    Ariko mugume kukivi kuko mwoba mwugururiye inzira wamwasi mutayobewe kuko muraziko muri mubobafitiye inzigonyishi kubacaco ngobarebe komwobafasha kwadukana akajagari mugihugu birimuvyobanezereza .
    Ahubwo komeza urunani rwanyumwiyemeje mugihugu canyu ntimuregure.

  • YISHWE NA BA SINDUMUJA. INKORAMARASO ZIYOBOWE NA KAGAME NA SINDUHIJE MUNOHO

  • ururofa ruraho genda hariya abirigwa barap[fa ko udakurako numunwa, bazomugarukana tekereza musenyera kumugozi umwe.

  • EWE JACQUES NTACOTUMA UHAGARIKA IMIRIMO YOKWUBAKA IGIHUGU CAW NGO NUKO BAGUTWAY UMUNWANYI

  • Timba Bigirimana Urya Uwanyu Ukinovora Intuntu,utazi Ivyisi Avyita Ivyiwe Ikibi Wakoze Burya Umutima Ntutera?Ugiye Kwibagira Ntubura Na Mayezi Uvanayo.

  • Aho Jacques avugako azoca ahagarika ibikorwa vyoteza imbere igihugu hadakozwe amatohoza kuri uwo Emmanuel,ego sindabirwanije ariko amenyeko imbere yuwo hari abarundi benshi babuzwe irengero ko atahagaritse?yaba yaragaritse kare uwiwe ntaba arinze gushikirwa yibutse amazi yaranze inkombe,ahubwo hasigaye kunyuruzwa we.wanka kuzimya inzu y’umubanyi iriko irasha ugashiduka rwawe yafashwe nivyo bishikiye Jacques.ejobundi ko yavugiye I ya rusha Ku umutekano ari wose hanyuruzwa uwiwe gute?Nareke kubeshera abo barundi peut être ko banse ivyiyumviro vyiwe bipfuye ,abanyuruza abantu mu Burundi barazwi ni iperereza ry’uburundi.ikindi nareke gutegeka yongera akangisha ubutungane naho atabuhari ico gikombe nawe nakinywereko yumve .Ntampongano y’umwicanyi..

  • igipolisi nimba ari igiporisi koko gikorera abarundi n, abanyamahanga bose baba muburundi, gitegerezwa guhagarika abavuzwe na jacques, kigahagarika na jaques nyene, hanyuma bakagiranya bose bari dans les mene conditions. jacques areke gutera ubwoba ngo hari ibikorwa ahagarika kuko ahagaritse azoba ahagaritse gusabira inda yiwe.

  • igipolisi nimba ari igiporisi koko gikorera abarundi n, abanyamahanga bose baba muburundi, gitegerezwa guhagarika abavuzwe na jacques, kigahagarika na jaques nyene, hanyuma bakagiranya bose bari dans les mene conditions. jacques areke gutera ubwoba ngo hari ibikorwa ahagarika kuko ahagaritse azoba ahagaritse gusabira inda yiwe.

  • Baza KAGAME azakubarira mugabo aho yamushize cg uko yo bigenje.

  • MBE NDAKUBAZE WAKORERA IKI ABENE GIHUGU GA JAKE ATARAMATANGAZO YABAPFUYE TEKEREZA WW ISHAKA UBIVEMWO WW UTAGIRA AHUHAGAZE UHINDUKA NKURUVORUVO

  • MBE NDAKUBAZE WAKORERA IKI ABENE GIHUGU GA JAKE ATARAMATANGAZO YABAPFUYE TEKEREZA WW ISHAKA UBIVEMWO WW UTAGIRA AHUHAGAZE UHINDUKA NKURUVORUVO

  • ewe jacques uratwenza!mbega ivyo bikorwa wohagarika igihugu kigahomba ni ibihe?wibagiy ko abarundi tuzi iyo wavuy n’icagusiz aho uri?uragaba riho!ko ivyo bagutumye vyakunaniy ivyo wariy uzobiriha.uwaw uzomubona yagiy gukarihirizwa ubwenge bibay ngombwa azogusubirire.

  • Ahubwo rindira nawe jacque urinyuma,wahora wirirwa uvuga ngo umutekano mu burundi ni wose na wewe rindira akaje kazira bose,ibikorwa navyo ntavyo wohagarika kuko urakunda iyo nda yawe.

  • Ahubwo ntacarabona uyo yakurikiye, yera yi rabura, Ego azotora uwo Bigirimana, ntamugenzi agira aragaragara.

  • Uriko ukanga nde? bihagarike! kuva aho abarundi banigaguriwe ntiwari ngaho ko utahagaritse ivyo bikorwa data vy’iterambere ngo ubanze ubavugire, ni mube mumenyako umuntu asa n’uwundi. umubabaro umuryango wiw ufise n’iyindi miryango batanguye kuva kera wicaye aho urinumira ngo ntibindaba,ubu abawe barashikiriwe kubera abandi babamaze none ururimi rurasokorotse,rindira na wewe uzotinda ushikirwa,guma hamwe.

  • Uyu muntu yanditse iciyumviro arinze kunyiyitirira ndamuteye ivyatsi jewe ntavyiyumviro nkivyo bipfuye shikiriza kandi ntaho mpuriye ninkora maraso za nkurunziza nateshwe ate naho ivya jack ntawubiyobewe ninjajwa muzindi naho kwishirahejuru ngo yohagarika ibikorwa nubundi kwataco afise aseruka mugihugu ikizwico ityo nirementanya ryako karwi kabicanyi karongowe na nkurunziza kaba gashaka aho kamarira abantu

  • Murantunge jewe ndahindagurika mumvugo zanje, uyumusi mvugira uriya ejonkavugira uyundi.

  • Ishahugwa Irira Vyose Bizorangira Iv

  • aho jacques uhaye urira?barawuciye ngo ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka!wamutekano wama uvuga urawubonye.umubabaro usa nuwundi.nawe rindira Imana rugira vyose iri mu kuruka wagihemuwe!

  • aho jacques uhaye urira?barawuciye ngo ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka!wamutekano wama uvuga urawubonye.umubabaro usa nuwundi.nawe rindira Imana rugira vyose iri mu kuruka wagihemuwe!

  • Ewe Jacque Urantwengeje!!!Aho Ninda Nindesho Ngo Ugiye Guhagarika Ivyo Kwubaka Igihugu?Mbe Atatari Uguteranya Wahora Ukora Iki?Umuntu Wabuze Nijwi 1% Mumatora,hagarika Turabe Igipfa.Ahubwo Warukwiye Kuja Mumunyororo Ukishura Ibibi Wakoze.

  • Sha Jake Arasara Iyabarazi Urwoyacira Abandi Natekene

  • nihakore amtatohoza akwiye ibindi tubiye imana mushobora vyose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.