IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Jean Bosco Ntaganda ararenguka muri sentare mpuzamakungu i La (...)

Jean Bosco Ntaganda ararenguka muri sentare mpuzamakungu i La Haye

mercredi 2 Nyakanga 2015

Kuri uyu wa 2 Nyakanga, Jean Bosco Ntaganda ararenguka imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri i La Haye mu Buholande.Yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ivyo gusinzikaza agateka ka zinamuntu vyakorewe mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Nk’uko Florent Geel aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu muri Afrika yabimenyesheje , Jean Bosco Ntaganda ategerezwa gukurikiranwa kuko mu bihe vyinshi abantu bakoze ivyaha vyo mu ntambara n’ivyo gusinzikaza agateka ka zina muntu muri Afrika badakunda guhanwa.

Yavuze ko ku ncuro ya mbere,sentare mpuzamakungu igiye guhana Ntaganda Jean Bosco, umwe mu bahoze barwanira mw’ishamba bakoze ivyaha vyo mu ntambara, birimwo guhohotera abanyagihugu, gufata ku nguvu abagore no gushira ku nguvu mu gisirikare abana mu gace ka Ituri, ahari ikirindiro gikuru c’umurwi yari arongoye.

Mu mwaka w’ 2013 niho Jean Bosco Ntaganda yishikana mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Rwanda,kugira bumufashe kumujana i La Haye,aho sentare mpuzamakungu ikorera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.