IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Jenda : Abanyagihugu barara ntibuca

Jenda : Abanyagihugu barara ntibuca

lundi 6 Gitugutu 2014

Abanyagihugu bo ku misozi itandukanye igize komine ya Mugongomanga bamenyesha ko basigaye barara ntibuca bivanye n’abasuma barara barabayogomvya mw’ijoro.

Bamwe mu banyagihugu bo mw’i Jenda bayaze na Radio Bonesha FM bavuga ko basigaye birarira kuko abo basuma ataco basiga mu mazu. Baza bitwaje imbugita n’ibindi birwanisho vyica. Abo basuma biba n’imirima, abanyagihugu baho mw’i Jenda bakavuga ko binjiye mu nzu ataco basiga. Imisozi yose igize iyo komine ya Mugongomanga rero abanyagihugu bakaba batagisinzira kuko baguma bicura abo basuma biba ijoro.

Umusozi bivyeko iri joro siwo bibako bukeye, abanyagihugu bagasaba abajejwe umutekano kubafasha kugira abo basuma babatuze. Mu bajejwe intwaro bagasaba abanyagihugu kwirarira, kugira bumvise abo basuma baheze batabaze. Iyo mirwi y’abo basuma ikaba imaze iminsi ivugwa muri iyo komine iri mu ntara ya Bujumbura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.