Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
‘’Jewe niyo mbonye ijipo yanikiye ku mugozi nibaza ngo ni umugore’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > ‘’Jewe niyo mbonye ijipo yanikiye ku mugozi nibaza ngo ni umugore’’

‘’Jewe niyo mbonye ijipo yanikiye ku mugozi nibaza ngo ni umugore’’

vendredi 28 Kigarama 2012

N’abihebeye Imana nabo nyene ngo hari igihe bateshwa umurongo canke bagatirimuka bivuye ku nyambaro y’abigeme canke ibindi vyaha bitobito.

Habaye abapasitori 4 bakorera mw’ishengero rimwe maze umunsi uri izina bigira inama y’ukuja kwatura ivyaha vyabo bari kumwe. Uwa mbere ati : « Jewe harya mumbona ndiko ndasigura hanyuma bakanzanira amazi ngo nywe ndayabonamwo ikinyobwa cambiye rufuku( Primus) ikanye,si je mbona turahejeje ngo ntahuke kunywa rimwe ».

Uwa kabiri nawe arinamura ati «Jewe ivyaha vyose narabitsinze ariko akaboko ko kwiba karananiye guheba. Iyo mbonye amafaranga y’amashikanwa atawe turi kumwe nta n’uruhera rumwe ndahasiga, ndayikorera yose ».

Uwa gatatu nawe ati : «Jewe ivyo vy’ukwiba amafaranga canke kugeragezwa n’agacupa ntibikiri ikibazo kuri jewe, ariko ubusambanyi bwarangize umuja wabwo ku buryo n’umwigeme canke umupfasoni wese arenganye numva nomusimbirako iyataba amaso y’abahita. Si ivyo vyonyene n’iyo mbonye ijipo yanikiye ku mugozi haraho nibaza ko ari umwigeme canke umugore nkahakwa kuyisimbirako».

Uwa kane ari nawe wanyuma ati : «Muri ivyo vyose mwadondaguye nta kintu na kimwe mfise ko ingorane ariko icangoye guheba ni urunwarunwa n’ukwibaraguza. N’ubu aho dusohokera ngaha sije mbona ndashitse imbere y’umuryango ngo mpure n’umuntu umwe wewe nobwira ibi muhejeje kuvugira ngaha’’.

Baba pasitori bandi batatu bagenzi we baca basenga babwira Imana bati : « Mana mushobora vyose turagusavye uhindure amate y’uwu mugabo uburembo kugira ururimi rwiwe rufatane n’umunwa ntazopfe asubiye kuvuga!»


Eric Arinabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.