Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Joanne Chesimard umukenyezi wa mbere aronderwa na FBI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Joanne Chesimard umukenyezi wa mbere aronderwa na FBI

Joanne Chesimard umukenyezi wa mbere aronderwa na FBI

lundi 6 Rusama 2013

Haraheze imyaka mirongo ine, umukenyezi yitwa Joanne Chesimard yagirijwe kuba yaragandaguye umupolisi kw’igenekerezo rya 2 Rusama 2013 aca ahungira mu gihugu ca Cuba.

Amakuru ava muri Leta zunze ubumwe za Amerika avuga ko uyo mukenyezi Joanne Chesimard ubu azwi kw’izina rya Assata Shakur, yashizwe ku rutonde rw’abantu 25 b’intagondwa bariko bararonderwa n’igipolisi kidasanzwe co muri Leta zunze ubumwe za Amerika, FBI.

Assata akaba yahoze ari mu gisirikare cari gifise intumbero yo guhabuza abirabure baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu myaka ya 70.

Assata Shakur yari umuvyeyi w’umutima w’umutamvyi wa rappe Tupac Shakur yishwe n’urusasu mu mwaka w’1996.

Ubu rero yagirizwa kuba yaragandaguye umupolisi wo muri Leta zunze ubumwe za Amerika i New Jersey kw’igenekerezo rya 2 Rusama 1973 ari kumwe n’abandi bantu babiri.

Assata yaraciriwe umunyororo mu mwaka w’1977 kuba yaragandaguye umu polisi, munyuma mu mwaka w’1984, Assata yaciye ahungira muri Cuba aho akiri gushika n’uyu munsi nkuko bimenyeshwa na FBI.

Assata Shakur ni umunyamerika wa kabiri ashizwe ku rutonde rw’intagondwa, kandi hakaba haremewe ama dolari angana n’umuriyoni umwe ni ukuvuga ama euro ibihumbi 762.000 eka kandi n’igisagara ca New Jersey caremeye gutanga ama faranga angana uko nyene kuwuzotana Assata Shakur ariwe Joanne Chesimard.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.