Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Johannesburg irasaba ikigongwe umuryango wa Nelson Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Johannesburg irasaba ikigongwe umuryango wa Nelson Mandela

Johannesburg irasaba ikigongwe umuryango wa Nelson Mandela

mardi 6 Myandagaro 2013

Inzego z’ubutegetsi muri Afrika y’Epfo zibandanya gusaba ikigongwe Nelson Mandela n’umuryango wiwe inyuma y’aho hasohokeye inyandiko zivuga ko inzu yiwe igiye kwugarirwa amatara n’amazi kuko bananiwe kuriha kuriha umwenda bafitiye ikigo kijejwe gutanga amatara n’amazi muri Afrik y’epfo.

Iyo nyandiko yavuga ko umuryango wa Mandela utegerezwa gutanga amafaranga y’amarande akoreshwa muri ico gihugu angana na 6,468.48, mu marundi twovuga ko ari nk’ibihumbi birenga gato amajana icenda. Ubuyobozi bw’igisagara ca Johannesburg buvuga ko kwabaye ukwihenda, urwo rwandiko rwo kwishuza ayo mafaranga rwari rwateguriwe kujanwa mu rundi rugo, baca barihenda ababijejwe barutanga kwa Nelson Mandela.
Ubuyobozi bw’igisagara ca Johannesburg bwagize buti “Turasaba imbabazi kubo iyo nyandiko yoba yarakomerekeje mu muryango wa Mandela.”

Umuvugizi w’ubuyobozi bw’igisagara ca Johannesburg, Kgamanyane Maphologela yagize ati “Ibiharuro na konte vya Nelson Mandela vyarasa cane n’ivyumubanyi wiwe, ariko vy’ukuri ntivyari vyateguriwe kujanwa kwa Nelson Mandela.”
Kgamanyane Maphologela yabandanije amenyesha ko bagiye guhidura uko bakora mu ntumbero yo kurwanya ayo makosa amaze iminsi yibonekeza, gushika aho vyageze no kwa Nelson Mandela afatwa nk’umucunguzi w’ico gihugu, na cane cane ko yamaze imyaka 27 afunzwe n’abakoloni kubera guharanira ubwigenge bw’abanyagihugu bo muri Afrika y’epfo.

Akajagari mw’itanga ry’impapuro zo kwishuza amatara n’amazi kabandanya kubangamira abanyagihugu bo muri Afrika y’epfo, aho usanga zihabwa abo zitagenewe. Mu kwezi guheze, ku biro vy’umugambwe uri ku butegetsi (ANC), batangajwe n’ukungene bahawe impapuro zibishuza amarande miliyoni 3,5 kandi bari baramaze kuyariha.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.