Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
John Kerry : Aba frères musulmans ntibakwiye kwitwa imirwi y’iterabwoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > John Kerry : Aba frères musulmans ntibakwiye kwitwa imirwi y’iterabwoba

John Kerry : Aba frères musulmans ntibakwiye kwitwa imirwi y’iterabwoba

vendredi 27 Kigarama 2013

Umunyamabanga mukuru wa Reta Zunzubumwe z’Amerika, John Kerry yamenyesheje ko yaneguye cane ingingo yafashwe n’ubutegetsi bwa Misiri, aho bashize aba freres musulmans mu mirwi y’iterabwoba.

Umukuru w’imigenderanire ya Reta Zunzubumwe z’Amerika n’ayandi makungu yarahamagaye kuri terefone kuri uno wa 26 kigarama mugenzi we wo mu gihugu ca misiri Nabil Fahmy amubwira aho ahagaze ku vyerekeye gushira aba frères musulmans mu mirwi y’iterabwoba.

JPEG - 28.1 ko
John Kerry

John Kerry yaneguye cane igitero c’abihevyi cahitanye abantu 15 ku munsi wa kabiri i Mansoura. Ariyo ntandaro yuko abategetsi baciye bita aba frères musulmans "imirwi y’iterabwoba". Ariko abo nabo barahakana bakarengwa ko atari bo bakoze ico gitero. Ikindi gitero cabaye ku munsi wa kane mu gatondo. Ico naco kikaba cahitanye abantu batanu mu gihe igisasu caturitse gihitana imodoka yunguruza abantu muri karitiye ya Nasr City iri mu buraruko bw’umurwa mukuru Kayiro. Ni igitero ca mbere gihitanye abanyagihugu gusa kuva habaye ibitero hagati y’abasirikare batembagaza umukuru w’abanyislamu Mohamed Morsi haraheze amezi 6,naho ico gisasu caturitse hataragera.

Umukuru w’intwazangabo mu gipolisi avuga ko hari ikindi gisasu cari cashizwe mu gipoto gishirwamwo ibihayanishwa (panneau publicitaire) kikaba cari guturika mu gihe abasirikare ba Reta bari kuba bashitse ahari hatezwe ico gisasu ca mbere.

Abdel Fattah al-Sissi, umukuru w’ingabo,umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere,aho mbere yiyemeje gukuraho abakora iterabwoba hanyuma akagarukana impore. Kuva Mohamed Morsi ahagaritswe igenekerezo rya 3 Mukakaro, umutekano warahungabanye cane mu Misiri. Ivyo mbere bikaba vyatumye abayoboke biwe bakora ibitero vyahitanye abapolisi bagera kw’100 hamwe n’abasirikare ba Reta.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.