Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
John Kerry yahuye n’abarabu i Paris - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > John Kerry yahuye n’abarabu i Paris

John Kerry yahuye n’abarabu i Paris

dimanche 8 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Leta zunzubumwe z’’Amerika John Kerry ari guhura n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ibindi bihugu bo mu bihugu vyo mu muryango w’abarabu i Paris mu Bufaransa, mu ngendo ariko arabandanya kugirira mu bihugu vya Buraya, aho ariko ararondera abobafasha mu kugira ibitero kuri Syria.

Kare mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe na mugenzi we w’Ubufaransa, Laurent Fabius, Kerry yavuze ko bamaze kubona imfashanyo nyinshi z’abashaka ko bagira ibitero vya gisirikare muri Syria, ahaherutse gukoreshwa ibirwanisho vy’uburozi, bigahitana abanyagihugu batagira ukwo bangana.

Ubufaransa burashigikiye Leta zunzubumwe z’Amerika kuri ico kibazo ca Syria, ariko ibindi bihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, vyifuza ko babanza kuraba ivyavuye mu matohoza y’abakozi ba ONU, amatohoza yagizwe mu ntumbero yo kumenya uwakoresheje ivyo birwanisho vy’uburozi mu banyagihugu..


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.