Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jose Mourihno arizeza intsinzi naho afitiye agashavu abakinyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Jose Mourihno arizeza intsinzi naho afitiye agashavu abakinyi (...)

Jose Mourihno arizeza intsinzi naho afitiye agashavu abakinyi b’inyuma

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Inkino z’igice ca kane c’amahiganwa ya Champions League zaraye zihejeje inkino zo kugenga (match aller). Umurwi wa Paris-Saint-Germain wakiriye umurwi wa Chelsea uca uwutsinda bitatu kuri kimwe (3-1). Real Madrid nayo yagendeye umurwi wa Dortmund, uwutsindira iwabo bitatu ku busa (3-0).

Umurwi w’Ubufaransa Paris-Saint-Germain wakiriye ku kibiga cawo ca Parc de Princes umurwi Chelsea. Urukino rumaze iminota 4 rutanguye, Lavezzi yuguruje igitsindo umunyezamu Cech atakubise ijisho iyo caciye. Kw’ikosa rwakozwe na Thiago Silva kuri Oscar ryavuyemwo "Penalty" yatewe na Hazard kiba igitsindo kuri Chelsea. Igitsindo ca kabiri ca Paris-Saint-Germain cinjijwe na David Luiz aho umupira wamurwako maze akiyinjiza, ica nyuma cinjiye ku munota wa 85 cinjijwe na Pastore wa PSG.

Nk’uko Jose Mourihno amenyereza Chelsea yabivuze inyuma y’urukino, akazi kariho mu rukino rwo gusubiza ni kenshi. Mourihno ati : "Naho twatsinzwe ntaho turaja, turacasigaje iminota 90, amahigwe turacayafise". Uwo mumenyereza abandanya avuga ati :"Ntako tutakoze kuko Zlatan twari twamufashe, Cavani twamufashe, na Verrati, eka n’abakinyi bo hagati. Ahabereye ikosa ni ku bakinyi b’inyuma, aho naho twahakuye icigwa. Urukino rukwirikira dutegerezwa kumenya ko twatsinzwe 3-1, tuzokina turondera ibitsindo 2-0, 3-1 canke 4-1".
Urukino rwo gusubiza ruzobera ku kibuga ca Chelsea ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 09 Ndamukiza, urukino igihangange Zlatan Ibrahimovic atazokina kubera yakomeretse kw’itako ku minota wa 68.

Ku rundi ruhande, Real Madrid yihanije umurwi wa Borussia Dortmund ubasanze iwabo ku kibuga ca Barnabeu, mugutsindwa ibitsindo 3 ku busa 0. Urukino rutagoye umurwi wa Real Madrid. Ku munota wa gatatu Gareth Bale yinjije ica mbere, igice ca mbere kitarahera Isco yinjiza ica kabiri. Basubiye mu kibuga Cristiano Ronaldo arahohosha ku munota wa 57. Iminota 90 y’urukino yarangira ku ntsinzi ya Real Madrid. Ntawuzi rero uko Dortmund uzovyifatamwo kuri uwu wa kabiri w’igenekerezo rya 09 Ndamukiza mu rukino rwo gusubiza ruzobera ku kibuga ca Dortmund

Tubibutse ko inkino zo gusubiza zizoba ku magenekerezo ya 08 na 09 Ndamukiza, inyuma yaho, hazoca hamenyekana imirwi izoja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.