Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
José Mourinho na Cristiano Ronaldo babandanya guterana amajambo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > José Mourinho na Cristiano Ronaldo babandanya guterana amajambo

José Mourinho na Cristiano Ronaldo babandanya guterana amajambo

jeudi 8 Myandagaro 2013

Mu nyuma y’aho umumenyereza w’umunya Portugal José Mourinho Maria Felix avuye mu murwi wa Real Madrid akagaruka mu murwi wa Chelsea yahora amenyereza hagati y’umwaka w’2004 n’umwaka w’2007, yagumye atangaza ibintu bitandukanye ku murwi Real Madrid yari amazemwo ikiringo c’imyaka itatu.

Kimwe muvyo Mourinho batazira "The Happy one" yavuze, n’uko abona ko Cristiano Ronardo ari umukinyi yiyemera kumvo z’uko atumva impanuro abamenyereza bamuha, mbere no mu ntango z’iyi ndwi babaye nk’abacokorana aho "The Happy one" yabajijwe n’umumenyeshamakuru ingene abona Ronardo hama yishura ati : " Ronaldo uwuhe? Ronardo nyawe canke uwu ahari (Cristiano)?

Aha Mourinho yavuze ko we yamenyereje abakinyi bakomeye barimwo nka Ronaldo yise nyawe, akomoka mu gihigu ca Brésil. Babajije Christiano ngo agire ico ashikiriza yarihoreye, yanka kugira vyinshi avuga. Yamenyesheje ko yanse guterana amajambo n’uwahoze ari umumenyereza wiwe, kuko yubaha abamumenyereje bose, kandi akavuga ko n’ikindi gihe atawubizi bashobora gusubira gukorana.

Mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kane, umurwi wa Chelsea wakinye n’umurwi wa Real Madrid mu rukino rwa nyuma rw’igikombe mpuzamakungu categuwe na Guiness hakagaragaramwo imirwi nka AC Milan na Internazionale yo mu Butaliyani, Chelsea FC na Everton zo mu Bwongereza, Real Madrid yo muri Esipanye, na Los Angeles Galaxy yo muri Amerika. Muri urwo rukino, umurwi wa Real Madrid watsinze Chelsea FC ibitsindo 3 kuri kimwe, harimwo ibitsindo 2 vya Christiano Ronaldo n’ikindi ca Marcelo. Ku ruhande rwa Chelsea, Ramirez niwe yatsinze ico gitsindo kimwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.